IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuhinga bwa none buri mu vyofasha ubugenduzi bukuru bwa Reta

Ubuhinga bwa none buri mu vyofasha ubugenduzi bukuru bwa Reta

mercredi 13 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye, Serges NDAYIRAGIJE, mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama, yamenyesheje ko inyigisho abagenduzi bakuru ba Reta bazoronka muri iyo nama yo kubakarihiriza ubwenge yatanguye kuri uwu wa kabiri, ko izofasha igihugu c’Uburundi kuja ku rugero rw’ibindi bihugu, na cane cane mu gukoresha ubuhinga bugezweho mu kugenzura ibikorwa vya Reta muri rusangi, gutyo babone gusezerera ibikorwa vyo kunyuruza itunga rya Reta, kugwanya ibikorwa bijanye n’uburongozi bubi, hamwe no kugwanya igiturire.

Tubibutse ko iyo nama igira iya 22, ikaba yategurwa ku rwego rw’isi mu mugambi wo gufasha inzego nkuru z’igisata c’ubugenduzi bukuru bwa Reta mu mugambi wiswe (Programme 3 i, ISSAI Implimentation Initiative) ukoreshwa mu buhinga bwa none mpuzamakungu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.