IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > "Ubukene bw’imodoka mu masaha amwe amwe butumwa n’uko zagabanutse" - (...)

"Ubukene bw’imodoka mu masaha amwe amwe butumwa n’uko zagabanutse" - ATRABU

lundi 12 mars 2018

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe « ATRABU », Charles NTIRAMPEBA, yemeza ko iryo bura ry’imodoka rihari ku ma saha amwe amwe, ivyo ngo bigaterwa n’uko imodoka zunguruza abantu zagabanutse.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ATRABU amenyesha kandi ko, muri ayo masaha imodoka ziba ari nke, kuko abantu baba bariko baja canke bava ku mirimo aba ari benshi.

Charles NTIRAMPEBA avuga ko, mu gihe ata tegeko rihari ryemeza ko imodoka yose itegerezwa gukorera ku gituro kimwe, hakibonekeza kandi ibitigiri bitangana vy’izo modoka ku bituro,hari inama ya bose iherutse kuba, izotuma ivyo bishirwa mu ngiro.

Ibice bikunda gushikirwa n’ikibazo co kwiyunguruza, akaba ari igice ca Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, Mirango, muri zone ya Kamenge, mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, hamwe na Carama, nayo iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.