IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Afrika ntibushigikiye ko CPI irengutsa abategetsi ba Reta (...)

Ubumwe bwa Afrika ntibushigikiye ko CPI irengutsa abategetsi ba Reta y’Uburundi

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bavuga ko umugabane wa Afrika ufise ubwayo Sentare yawo ifise ububasha bw’ugukurikirana abategetsi bo muri Afrika.

Umukuru w’umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Ismael Chergui, mu nama yarimwo kuri uwu wa kane, yari yahuje abafasha mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, yamenyesheje ko Afrika ifise uko yitunganije muvy’ubutungane, kuko hari Sentare ya Afrika yashizweho kugira itunganirize abanyafrika bayituye.

Ismael Chergui avuga ko imbere y’uko Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye yorengutsa abategetsi ba Afrika, iyo Sentare ya Afrika ariyo yari ikwiye kubanza kugira ico ishikirije ku bibazo vy’ibihugu vya Afrika bitashoboye gutunganiriza ababituye.

JPEG - 49.7 ko
Ismael Chergui, Umukuru w’umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

Tubibutse ko icegeranyo ca ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi gisaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye gutanguza amatohoza ku bugizi bwa nabi hamwe n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.

Tubamenyeshe kandi ko kuri uwu wa gatandatu, hatunganijwe mu gihugu cose imyiyerekano idasanzwe, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kuri uwu wa kane, y’ukwiyamiriza ico cegeranyo ca ONU. Mu gisagara ca Bujumbura, iyo myiyerekano izotangurira mu kibanza citiriwe ONU, hafi y’ingoro y’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu. Iyo myiyerekano izosozererwa ku kibuga ca Tempete, ahazovugirwa amajambo ajanye n’iyo myiyerekano.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Erega ivy’uyo mutegetsi avuga n’ukuri.Nsanze vyukuri hakir’abagabo bagifise ijunja n’ijambo muri Africa yacu. Abari biteze CPI ngira baranyuzwe.Noneho ejo burakeye tuyisezerere.Tugire tuti: n’ubutakigaruka turagusezeye.

  • @Nephtalie,CPI itegerezwa kubarengutsa ivyo wivugisha vya Union Africaine ntaco yobikorako, ikindi kandi rindira gatoyi mwebwe Imbonerakure na CNDD-FDD muzoriha ibitutsi mwatutse nyakubahwa Paul Kagamé,buca arongora Union Africaine

  • Icombaza irishirahamwe rya Afrika, mbega kwinganda zirirwa ziratikira ngaha muburundi bamaze gufasha iki ngaha muburundi rwingorane zirangire?
    iyobavuga yuko badashobora kwemera kosentare mpuzamakungu yocira imanza inkozi zikibi zongaha muburundi, ntakindi barondera atarugukingiranira ikibaba mububisha baba bakoze ntamucamanza wahano yokubahuka gucira urubanza rwumutegetsi akomeye, ivyo ntaho bizigera biba,kuko nibibi bikorwa bikorwa barorera mbere bamwe bakabigiramwo uruhara.
    Nkabanyagihugu turavye nkibiriko birakorwa ngaha muburundi na Nkurunziza Peter,
    bamwe mubategetsi bomuribibihugu bize Afrika harimwo abashigikiye Peter Nkurunziza.
    Akarorero iyo babonye kohagiye gufatwa ingingo zikomeye kubategetsi bahano muburundi bacabagerageza kuzana ivyotuma izongingo zidashirwa mungiro.
    Kubijanye nivyiyerekano nayo yokwiyamiriza icegeranyo ca ONU ivyo nkabanyagihugu turabimenyereye cane, kujamwibarabara siwo muti, ahubwo jewe ndavyita ubujuju bwabategetsi bunomusi!,
    Kuvakera kugira wanke ivyakozwe, nawe uzana ivyoguhinyuza ivyakozwe.
    Abo biyamiriza ONU ntamusi numwe abakozi ba ONU bazangaha mugihugu ngobandike ibivuye mumitwe yabo never, bafata umwanya wokuvugana nabanyagihugu bomubwoko bwose,bakabaha amakuru yose,bakabona gushiriza ivyavuye murabo bantu bose.
    Nayimyiyerekano tuzoyijamwo ahobukera ariko nugukiza igufa kuko umusi tutoyijamwo niwo musi zambonerakure zotumarira kumacumu.

  • AU nta bubasha ifite bwo kubuza CPI gukurikirana ibyaha by’indengakamere, ikindi n’uko ONU niyo ifite ibubasha bwo kuba yabuze CPI, ikindi abantu bakwiye kumenya mu mategeko n’uko CPI igihugu kiyinjiramo kibisabye ni nako biteganyijwe kuwushaka kuyisohokamwo.

    AU ntabubasha ifite bwo kuregerwa n’abantu kugiti cyabo ibyaha byabangamiye ikiremwa muntu, igihe bishoboka ni igihe Komisiyo ya AU yakwakira bene ibyo birego, ariko kuva muri 2015 kugeza ubu ntabyo yakoze, ikindi nokwibutsa n’uko CPI yaregewe n’abantu bahemukiwe, iregerwa n’imiryango mpuzamahanga yahemukiwe, harimo ababikira, abanyagihugu n’abandi.

    abavuga ko CPI yabuzwa gukurikirana ibyaha na AU musubize amerwe mu isaho, kuko UN NIYO yasabye ayo matohoza kandi AU ntabubasha busesuye ifise byo kuyibuza.

  • AU ivyo yanse ntawuyivuguruza. Erega CPI uyivamwo ushatse.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.