IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwemeza ko bubandanya gutanga imfashanyo ku (...)

Ubumwe bwa Buraya bwemeza ko bubandanya gutanga imfashanyo ku Burundi

lundi 22 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rimenyesha ariko ribandanya gutanga imfashanyo ku Burundi. Wolfram VETTER aserukira ubumwe bwa Buraya mu Burundi avuga ko muri uwu mwaka w’2017, iryo shirahamwe ryatanze imiriyoni zitari nke z’amafaranga y’amanyaburaya.

Mu nama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’ubuseruko yabereye i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa gatandatu, abakuru b’ibihugu vya Tanzaniya na Uganda basavye ko ubumwe bwa Buraya bwokura ibihano bwafatiye Uburundi, igihugu kimwe mu bigize uwo muryango.

Abo bakuru b’ibihugu bompi bahurije ku kuvuga ko bitumvikana ingene ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryofatira ibihano Uburundi hatabanje kuba ukuvugana hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

John Pombe MAGUFURI, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yamenyesheje ko umuryango wa Afrika y’ubuseruko witeguriye kugiriranira ibiganiro n’ubumwe bwa Buraya, kugira ibihano vyafatiwe Uburundi bikurweho, akaba ari naho ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko bizoca bitera umukono ku masezerano y’ubudandaji hagati y’ubumwe bwa Buraya na Afrika y’ubuseruko.

Messages

  • NIVYIZA KWIRUKANA ABO BAZUNGU BAGASUBIRA IWABO !!NTAVYIZA BOZANA MURI AFRIKA ,URETSE AMACAKUBIRI !!ABARUNDI TWARI BAMWE ,ABAZUNGU BAJE BAZANYE AMAKO!!1972 ABATUTSI BIRARA MUNZIRAKARENGANE ZABAHUTU BARICA!!
    1994MUZI IVYABAYE MU RWANDA ABAHUTU BITANGORWA BAFATA IBYUMA ,IMIPANGA ,AMASHOKA NIMBUNDA BIRARA MUNZIRAKARENGANE ZABATUTSI NABO BARICA!!NIKI KIZA KO MWABAZUNGUMWE MUJYANA MURI AFRIKA!!MWEBWE MUJYENDA MWITWAJE INYUNGU ZANYU MUGATERENYA ABAVUKANYI!!FOLFRAM VETTER SINIRIWE NANDIKA IGIFRANSA OU ICYONGEREZA UZASOME UNSUBIZE !!

  • IBIHANO AHUBWO NIVYONGEREZWE AHO GUFUTWA, EWE MAGUFURE NIWIVUGIRE MWE NAKAGUTA NUKO IMIRYANGO YANYU IKWIYE, NIHO MWIVUGIRA AYO MWIGOMBEYE!, KUMBE ABAZUNGU BARACABASUMBA . IJANA KWIJANA NUBWO MWITWA ABAPEREZIDA. BURYA UKURI KURAVUKANWA NTAWUVUGUKURI NGO NUKO ABAYE PEREZIDA EKAYE !.MUBABWIYE KUBIKURAHO NTIMUBABWIRE, TWEBWABARUNDI UMUSIMAMO NURYA NYENE NTAKIZOHINDUKA GUSHIKA KUWANYUMA.

  • Ivyo Vyabuzw Nabobakuru Bibihugu Vya Afrika Yubuseruko Nivyiz Knd Turabikenguruk

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.