IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bubandanya kuvuga ko butemera itorwa rya Martin NGOGA wo mu (...)

Uburundi bubandanya kuvuga ko butemera itorwa rya Martin NGOGA wo mu Rwanda

mercredi 11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganni bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirirka y’Ubuseruko, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko abashingamateka b’Uburundi bitaba inama z’uwo muryango kuko batipfuza ko ibikorwa bihagarara.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko n’ubu bakirindiriye ibizova muri sentare ya Afrika y’Ubuseruko ku bijanye n’urubanza bayishikirije rujanye n’uko batemera itorwa rya Martin NGOGA.

JPEG - 110.6 ko
Isabelle NDAHAYO, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko

Isabelle NDAHAYO yashikriije ko ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko mu mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018, hariho itunganywa ry’inganda zo guhahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko hamwe no kwishikira ku kivi mu ntumbero yo kwibonera imbonankubone ingene ibikorwa vy’ikigo mpuzamipaka rusangi c’i Kobero i Muyinga biriko biragenda.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji muri aya mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018 ni gukurikiranira hafi ibijanye no guteza imbere hamwe no gushira mu ngiro amategeko agenga umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ubwo Bushikiranganji buguma bwitwa ngo bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko kandi Uburundi bumaze imyaka hafi 11 bwinjiye muri uwo muryango?

    Mukwiye kubwita "Ubushikiranganyi bujejwe ibikorwa vy’umuryango wa Afrka y’Ubuseruko"

  • uwo mushikarangaji avuze ngw’iki ? ngo ntimwera itorwa rya Martin Ngoga kuko ari umunyarwanda ahubwo ndabahanura muze muve muri iyo nama nshingamateka kuko itegekwa n’umunyarwanda, muze kandi muve no mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’afurika kuko rirongowe n’umunyarwanda nyene icubahiro Paul Kagame. Ariko abategetsi bi Burundi mwabuze aho mufatwa nk’umwana uhiye mu kwaha. ( ndabasabe mureke iciyumviro canje kirengane kuko ntawe ndengeye akarimbi murakoze )

  • UMUNWA WO WARABARENZE MBEGA MUZI KO NTA NIFARANGA LIMWE RYAMARUNDI, MUTANGA MULI UWO MURYANGO! !!!!BIVUGA KO NTA NIJAMBO MUFITE MO! !!!ALIKO AMAGAMBO YARABARENZE KUKO NTAKINDI MUSHOBOYE*

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.