IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Uburundi bugiye kwakira Ihuriro hayanishwa ry’amahinguriro akorera mu (...)

Uburundi bugiye kwakira Ihuriro hayanishwa ry’amahinguriro akorera mu Burundi

vendredi 11 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2018, Olivier SUGURU, arongoye AIB, amenyesha ko amahinguriro yo mu Burundi yagize ingora kuva mu mwaka w’1993 hamwe no muri 2015, bivuye ku magume Uburundi bwagiye buracamwo.

Olivier SUGURU arongoye Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi, avuga ko igisata c’amahinguriro kidakora neza nk’ayandi mahinguriro yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bivuye ku mvo zitandukanye, ari naco gituma biyumviriye gutunganya iryo huriro.

Ati : Mu bijanye n’amahinguriro mu Burundi turacari inyuma cane. Ahanini biva ku muyagankuba muke kandi uzimvye tugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere, ikibazo co kwiyunguruza, gukoresha abakozi badafise ubumenyi bukwiye, hamwe n’ibisata vya Reta batorohereza abari mu gisata c’amahinguriro nk’uko biri mu bindi bihugu.

Umukuru w’ishirahamwe AIB amenyesha ko, muri iryo huriro, bazoboneraho akaryo ko guhimiriza abanyamahinguriro mato mato kugira bayamenyekanishe, kandi bazoronka akaryo ko guhanahana ivyiyumviro n’abo mu mahinguriro yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ishirahamwe ry’amahinguriro akorera mu Burundi AIB, rihurikiyemwo amahinguriro 50 amaze kwiyandikisha, nayo igisata c’amahinguriro mu Burundi kikaba cinjiza ibice 9,7 kw’ijana vy’amafaranga yinjira mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.