IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi burahakana ivyagiriji ko butashigikiye umunyakenya mu kibanza (...)

Uburundi burahakana ivyagiriji ko butashigikiye umunyakenya mu kibanza c’umukuru w’inama ya UA

samedi 4 Ruhuhuma 2017

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko igihugu c’Uburundi kibandanya gukomeza imigenderanire myiza n’igihugu ca Kenya hamwe n’ibihugu vyse bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Inyuma y’ivyagiriji vya Reta ya Kenya ko Uburundi butashigikiye umushikiranganji wa Kenya ajejwe imigenderanire Dr. Amina C. Mohamed mu matora y’umukuru w’inama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko amatora yabaye mw’ibanga ari nac gituma bigoye kumenya uwatoye n’aka n’uwutamutoye.

Abicishije mw’itangazo ry’ubushikiranganji,umuyobozi ajejwe gutanga amakuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yibutsa ko Moussa Faki Mahamat yatowe ku ncuro igira indwi ku majwi 39, n’ayatakaye 15,bisigura ko bigoye kwagiriza igihugu canke amareta ko atatoye.

Moussa Faki Mahamat ava mu gihugu ca Tchad niwe yatowe ng arongore inama y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,mu gihe Alpfa Konde nawe yatowe ng arongore ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.


IGIHE

Messages

  • wewe nyamitwe reka guhenda abantu, ntimwari gushigikira umunyakenya, mudashgikiye umunyatchad kuko birazwi neza ko uriya mudigitateur idris deby itno yashigikiye nkurumbi kumugaragaro ko icyiringo cyiwe cyijanye n’amategeko uburundi rero bwagomba gusuburiza mu nkoko igihugu ca tchad. reka rero kubesha erega turakurikira vyose ibiba,ibivugwa turabibona.

  • Kenya niyitware ijane nivyagiriji. urupfu nimpfane birajana. nibipange bazotorwa hanyuma

  • None gutsindwa navyoningorane?
    Nonetweho abacu baribaharaniye ibindibibanza kobatatowe kotuguma twihanganye dushima Imana!?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.