IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi buzokwitaba inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yimirije

Uburundi buzokwitaba inama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yimirije

mercredi 12 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko izoba kw’igenekerezo rya 10 Rusama 2017, Uburundi bukaba bwamenyesheje ko buzokwitaba iyo nama, nk’uko vyemejwe na Ambassadeur Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ajejwe ibibazo vy’ukumenyesha amakuru. Naho biri uko, ntawuramenya namba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe azokwigira ubwiwe canke namba azorungika abamuserukira.

Ambassadeur Willy NYAMITWE yibukije ko Uburundi ari igihugu kiri mu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, arico gituma Uburundi buzotegerezwa kwitaba ibikorwa vy’iyo nama. NYAMITWE yamenyesheje kandi ko Uburundi butari mu ndyane za poritike nk’uko bamwe n’abandi bakunze kubivuga, ahubwo ko ukudahuza muri poritike kuri mu bihugu nka vyose.

JPEG - 70.9 ko
Ambassadeur Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ajejwe ibibazo vy’ukumenyesha amakuru

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu igiye kuba inyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi biheruka navyo nyene kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ibiro vy’umuhuza MKAPA bikaba vyavuze ko hari inzitizi zituma ivyo biganiro bitabandanya neza, ariko izo nzitizi zikaba zitashizwe ahabona. Umuhuza yasavye ko vuba hokorana inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira batange ivyiyumviro vy’icokorwa.

Jean Claude KARERWA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA abona ko inzitizi ku biganiro bihuza Abarundi bibera hanze, ari ubutumire buhabwa abaronderwa n’ubutungane. Ku bwiwe, ikibazo c’umubano mubi hagati y’Uburundi n’Urwanda nico cotangura gutorerwa inyishu, ibiganiro bikabandanya mu nyuma.

JPEG - 61 ko
Jean Claude KARERWA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Tubibutse ko umuhuza Benjamin William MKAPA yamenyesheje ko yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi (Juin) uwu mwaka w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Hhhhhhhhh ariko guhoza u Rwanda mu kanwa kanyu umenya bibaryohera cyane. Mucyemure ibibazo byanyu by imbonerakure ndetse nibindi bibigarije. U Rwanda murureke

  • ariko ngo uwicura amabinga aba ayagwaye hari uwavuze urwanda rwawe ngaha?ivyo mwihenda vyarabatekurukanye nico gituma muguma mwikanga.pole sana.

  • Uburundi buzitaba kuko burafise intwari atarari ibigwari!

  • Sebarndi asemwomwo kugenda ntangorane nkuko atagiye atangorane kuko arafise ibizerwa ibihumbi nibihumbi yotuma harimwo ba Ambassadors Willy/Alien Nyamitwe,
    Ndenzako Karerwa umuvugizi wiwe, canke uwariwewese mubashikiranganji canke ivyegera vyiwe nabandi kuko abarundi basigaye aribihangange kubwishi.

  • Abakunzi b’amahoro mureke dukomeze gusenga ngo u Burundi n’u Rwanda ibihugu bihuriye kuri byinshi byongere kunywana .

  • Bazorungika za Mbonerakure zivukana, imwe ari ministre wa Leta y’icaduka uwundi ambassadeur

  • Iyi ntagondwa yitwa WAKERA umuti uyikwiriye ni amazirantoki ashushe gose .Amwe agise 100 degre’

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.