IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’abakozi bwerekanye uwahora yiba Reta abicishije mu (...)

Ubushikiranganji bw’abakozi bwerekanye uwahora yiba Reta abicishije mu kuronderera uturusho abakozi

mercredi 14 Ruheshi 2017

Uwo yerekanywe azwi kw’izina rya HAKIZIMANA Fabien yari asanzwe akorera mu gisata c’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi muri komine Mubimbi, iri mu ntara ya Bujumbura Rural.

Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Fabien HAKIZIMANA yiba Reta abicishije mu gusabira uturusho abakozi akoresheje impapuro ziriko ibidodo vya magendu.

JPEG - 8.1 ko
Fabien HAKIZIMANA

Muri ico kiganiro, umushikiranganji w’abakozi n’akazi ntiyamenyesheje igitigiri c’amafaranga yari amaze kwibwa biciye muri ubwo busuma, ariko yavuze ko igitigiri kizomenyekana inyuma y’amatohoza azokorwa ku mpapuro zerekana abari bamaze kuronka utwo turusho.

Umushikiranaganji Felix MPOZARINIGA asaba abahembwe amahera batagenewe biciye kuri uwo yafashwe kwishikana mu bushikiranganji kugira bumvikane ingene basubize amahera ya Reta bariye batakoreye.

Umwe mu bari bamaze kuronka ayo mafaranga afashijwe na Fabien HAKIZIMANA aravyemera akamenyesha ko yabwiwe ko yomufasha kuronka akarusho, ariko haheze iminsi aca abona bamuhamagaye mu bushikiranganji nawe aravuga uko vyagenze.

Pascal HABONIMANA ahamagarira abandi bose boba bakora ibikorwa vyo kwiba amafaranga ya Reta kubihagarika, abamaze kuyatora nabo bakayasubiza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.