IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero bwashikirije ivyaranguwe mu gice ca gatatu (...)

Ubushikiranganji bw’indero bwashikirije ivyaranguwe mu gice ca gatatu c’umwaka 2017

mercredi 25 octobre 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 gitugu, umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yavuze ko mu mezi atatu ubushikiranganji bwuguruye igisata c’amashure yisununuye Mastère hamwe na doctorat muri kaminuza y’Uburundi, ibizotuma inyigisho nshasha za BMD ziterimbere.

Umushikiranganji yongeye aramenyesha ko hakozwe ihindugwa no gukwiragiza abigisha mu bibanza bakenyemwo « redéploiement » aho abigisha n’abarongozi bagera kuri 114 bahinduriwe aho bakorera.

Kur’iyo ngingo, umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko ingingo yo gukwiragiza ku rugero rumwe abigisha vyatumye hahagarikwa ubusuma butari buke.

Yavuze ati :« Ingingo yo gukwiragiza abigisha yaratumye abasuma bahora bahembwa imishahara iciye mu busuma ihagarikwa.Abagiriwe n’ubwo busuma bategerezwa gusubiza ivyo bivye mu maguru masha ».

Umushikiranganji amenyesha kandi ko abigisha bashika 3193 bo mu mwaka wa 2 urangiza ishuri nshingiro hamwe n’abarongozi b’amashuri baronkejwe inyigisho zijanye n’ukwongereza akanovera k’ivyigwa .

Ku bijanye n’ingingo zafatiwe amashuri amw’amwe atari ku rugero rusabwa n’amategeko agenga ubushikiranganji bw’indero, umushikiranganji w’indero aragabisha abayobozi bazorenga ku mategeko yashizweho.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.