IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji hamwe n’abantu batandukanye bashimiwe

Ubushikiranganji hamwe n’abantu batandukanye bashimiwe

mercredi 2 Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Umunsi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbajwe ku rwego rw’igihugu mu ntara ya Rutana, uyobowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yatanze ubushimwe ku bantu avuga ko bakoze neza kurusha abandi.

Ubushikiranganji bw’umutekano hamwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, buri mu bwashimiwe, ku bikorwa burangura.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yashimiye kandi ikigo OBR kijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu Burundi. Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yagize ati : "Turashimiye ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi kuko cakoze neza cane mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2018 mu kwinjiza mu kigega ca Reta imiriyaridi zisaga 212 ku miriyaridi 190 zari zitezwe,
hakaba harenzeko imiriyaridi zishika 22, ni ukuvuga ko harenzeko ibice
12% ku yari yitezwe, ivyo bikaba ari imbonekarimwe mu gihugu cacu kuva
ikigo OBR gishinzwe."

Abandi bashimiwe ni Jean Claude BIRUMUSHAHU umuhagirikizi w’inkino rurangiranwa yatowe mu bazohagarikira inkino zo guharanira
igikombe c’isi mu mupira w’amaguru zizobera mu gihugu c’Uburusiya muri
uwu mwaka w’2018. Lydia NSEKERA umupfasoni NSEKERA Lydia, agira kabiri mu bakenyezi bo kw’isi yose bateza imbere inkino. Francine NIYONSABA adahengeshanya gutera iteka Uburundi mu mahiganwa mpuzamakungu yo gusiganwa, hamwe na SADA NAHIMANA, umunononotsi mpuzamakungu akina urukino rwa Tennis.

Komine Gitega nayo yashimiwe kuko yabaye iya mbere mu Burundi bwose yakoze vyiza kurusha.

HABONIMANA Jeanne, umucamanza wo muri Sentare ya Bujumbura yashimiwe ko akora neza akazi kiwe.

Umunyeshure yo muri komine Nyanza Lac yabaye uwa mbere mu Burundi bwose mu kibazo ca Reta co mu mwaka w’icumi, n’amanota 192,5 ku 200 nawe nyene ari mu bashimiwe.

Muganga Elysé NAHIMANA, Umuyobozi mukuru w’ibitaro vyo mu Kibimba muri komine Giheta, intara ya Gitega yashimiwe kuko ari mu baganga karuhariwe bize hanze y’Uburundi batashe bava mu gihugu c’Ubufaransa, akaba yaciye aja kurongora ibitaro vyo mu gihugu hagati. Umukuru w’igihugu asaba n’abandi ko bomurabirako akarorero.

Abakozi batatu bakora isuku mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nabo nyene bashimiwe, umukuru w’igihugu akavuga ko bashika ku kazi mu gatondo ka kare nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota 30, mu gihe abandi bakozi bashika isaha imwe n’igice. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko yobaha amasezerano y’akazi (Contrat) nk’abandi bakozi.

Uwundi yashimiwe ni MANIRAMPA Adelaide yashimiwe n’umuryango w’igihugu. Uwo mwigeme ni impfuvyi, akaba ari mu barera izindi mpfuvyi zirerewe ku kirimba c’umukuru w’igihugu. Yashimiwe akazi ajejwe agakora neza kurusha abandi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Mu bantu bari bakwiye gushimirwa mu bambere (kwambikwa ikidali c’umwakaka) ni Melchiade Nzopfabarushe aherutse gushira ahabona ingene umugambwe arimwo uhonya abo bitavuga rumwe mu kubasuka mu biyaga n’inzuzi, uburyo bakoresha n’ibindi. Abahora rero bibaza iyo ivyo biziga bimaze igihe bitorwa bireremba ku biyaga biva umuco waratanzwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.