Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwafashe ingingo y’ukugumiza mw’ibohero uwahoze akorera (...)
Ubutungane bwafashe ingingo y’ukugumiza mw’ibohero uwahoze akorera ACAT
vendredi 18 Myandagaro 2017, par
Ubutungane bwari kuvuga ingingo yafashwe inyuma y’amasaha 48 yumvirijwe muvyo bita "Chambre de Conseil".
Germain Rukuki yahoze ari umunywanyi w’ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture) apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari asanzwe aba.
- Germain Rukuki yahoze akorera ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture)
Umunsi afatwa, mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Germain RUKUKI yagirizwa ko yagize uruhara mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu 2015. Yagirizwa kandi ko akorana n’amashirahamwe asohora ivyegeranyo bicapfuza isanamu y’Uburundi.
Egide NDUWIMANA
Messages
19 Myandagaro 2017, 12:22, par KANA FIDEL
NIBAMUREKURE.
14 Nyakanga 2017, 02:22, par Gahungu Samusoni
Mbega kwiyamiriza ibiriko birakorwa nabarwayi bimitwe haricaha birimwo?
abiyamirije iki kiringo bose barimukuri, nuko babikoze mugihugu kigitwarwa nigikoroni atademokarasi irabaho!
bari bakwiye gukingirwa iyo kibigihugu gisazwe cubahiriza agateka kamuntu.
Ariko siko bizohora bizohinduka, hazogerigihe ahumunyagihugu nawe yiruhutsa.