IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ubutungane bwafashe ingingo y’ukugumiza mw’ibohero uwahoze akorera (...)

Ubutungane bwafashe ingingo y’ukugumiza mw’ibohero uwahoze akorera ACAT

vendredi 18 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubutungane bwari kuvuga ingingo yafashwe inyuma y’amasaha 48 yumvirijwe muvyo bita "Chambre de Conseil".

Germain Rukuki yahoze ari umunywanyi w’ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture) apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari asanzwe aba.

JPEG - 72.8 ko
Germain Rukuki yahoze akorera ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture)

Umunsi afatwa, mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko Germain RUKUKI yagirizwa ko yagize uruhara mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA mu 2015. Yagirizwa kandi ko akorana n’amashirahamwe asohora ivyegeranyo bicapfuza isanamu y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.