IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL umenyesha ko wemera ivyavuye mu matora y’ibwirizwa (...)

Umugambwe FNL umenyesha ko wemera ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro

samedi 19 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 19 Rusama 2018, Jacques BIGIRIMANA, arongoye umugambwe FNL, amenyesha ko umugambwe wakurikiranye amatora kuva mu myiyamamazo kandi ko warungitse abawuhagararira mu matora, ari naco gituma bemera ivyavuye mu matora vyose ata na kimwe kivuyemwo.

Jacques BIGIRIMANA amenyesha kandi ko bashimira abanyagihugu batoye, agakeza kandi umurwi CENI ingene bateguye amatora, kuko vyerekanye ko bakora igikorwa bazi.

Kubwa Jacques BIGIMANA, amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro aje gutanga inyishu ku bibazo vya Arusha, kuko vyari bimaze igihe vyarahagaze.

Muri ico kiganiro, Jacques BIGIRIMANA asaba abarundi n’abanyeporitike kudaterwa ubwoba n’ibiwirzwa nshingiro rishasha ,agahamagarira abarundi bari hanze ataco bagira, hamwe n’abari mu gihugu kuja hamwe kugira bashireho itegeko rigenga amatora yo mu mwaka wa 2020.

JPEG - 47.1 ko
Jacques BIGIRIMANA,Umukuru w’umugambwe FNL

Umukuru w’umugambwe FNL ahamagarira Reta, abarundi bose mu butandukane bwabo, ko babonye abatoye Oya canke abayigishije bobarwa mu nda, kuko batabatsinze ahubwo babarushije.

Mwomenya ko ibiharuro mfatakibanza bimaze kuja ahabona, vyerekana ko EGO yatsinze ku majwi 73,18 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,6 kw’ijana, mu ntara 18 zigize igihugu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.