IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abategetsi nabo bokwirihira umuyagankuba" - OLUCOME

"Abategetsi nabo bokwirihira umuyagankuba" - OLUCOME

jeudi 10 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ikete OLUCOME yandikiye umuhuza w’Abarundi, umukuru w’iryo shirahamwe yamenyesheje kandi ko imbere y’uko Reta ifata ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba, yari kubanza gufata ingingo ko abategetsi bakomeye b’igihugu bokwirihira amatara n’amazi, aho akaba ari mu gihe bamwe mu bategetsi bakomeye hamwe n’abategetsi mu gisirikare n’igiporisi barihirwa amatara n’amazi.

Ishirahamwe OLUCOME rihamagarira umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA gusaba ihagarikwa iduzwa ry’ibiciro vy’umuyagankuba, Reta nayo igasabwa ko yoriha ibirarane vy’imiriyaridi zirenga 60 ifitiye ishirahamwe REGIDESO. Muri OLUCOME bakabona ko iduzwa ry’ivyo biciro rimeze nk’ukurondera ko abanyagihugu basanzwe bakenye aribo bokwuzuza ibihengeri vy’amafaranga REGIDESO ikeneye.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu basigura ko ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba yafashwe kugira ikibazo c’ugukuranwa mu kuronka umuyagankuba (Delestage) gitorerwe inyishu. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko ingingo y’ukuduza ibiciro vy’umuyagankuba yafashwe kugira uboneke ku bwinshi, n’abarwizatunga bokenera gushira imiyahe muri ico gisata boroherezwe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.