IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya yimirije gutorwa

Umukenguzamateka mushasha w’intara ya Muramvya yimirije gutorwa

samedi 25 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Abari mu manama mpanuzwajambo yose y’amakomine agize intara ya Muramvya bahamagariwe kuzoja gutora umukenguzamateka mushasha azosubirira Celestin NDAYIZEYE aheruka gushirwa muri Reta y’Uburundi, mu kibanza c’umushikiranganji Emmanuel NIYONKURU aheruka kugandagurwa.

Mu murwi ujejwe gutegura amatora CENI bamenyesha ko ayo matora azoba kw’igenekerezo rya 4 Rusama 2017, ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya.

Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI ashikiriza ko abipfuza kwitoza muri ico kibanza babandanya kwakirwa, kuva kw’igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017.

Uwo murwi ukaba uzobandanya kwakira abo bashaka kwitoza, gushika kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2017.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.