IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenye abavugizi biwe

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenye abavugizi biwe

mercredi 8 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenye umuvugizi wiwe, n’icegera c’uwo muvugizi. Uwahahora aheruka kurungikwa guserukira Uburundi mu gihugu ca Tanzaniya.

Kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/36, Jean Claude KARERWA yahora ari icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu niwe yahawe kuba umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

JPEG - 41.5 ko
Jean Claude KARERWA, umuvugizi mushasha w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Icegera ca Jean Claude KARERWA ni Alain Diomede NZEYIMANA.

Gervais ABAYEHO yahora avugira umukuru w’igihugu aheruka kurungikwa guserukira Uburundi mu gihugu ca Tanzaniya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.