IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Umukuru w’igihugu arabandanya kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa (...)

Umukuru w’igihugu arabandanya kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere

lundi 26 Munyonyo 2012

Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yarifatanije n’abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi mu bikorwa rusangi ku wa 17 Munyonyo 2012. Ivyo bikorwa vyari bijanye no kwegeranya amabuye yo kwubaka uruzitiro rw’ikibuga c’inkino kiri inyuma y’ibiro vy’intara ya Ngozi bishasha hamwe no gucanga umusenyi n’isima yo kwubaka umushinge w’urwo ruzitiro.Inyuma y’ivyo bikorwa rusangi,

Umukuru w’igihugu yaciye agira urugendo mu murima w’amahegitari arenga 48 ari ku mutumba Rutanga, zone Ngoma komine Gashikanwa. Uwo murima uteyemwo inanasi, amapera, ahandi naho bakaba bagomba kuhateragira ibiharage n’ibigori. Aho nyene, hororewe inka zirenga 50 n’impene zirenga 80.

Nk’uko uwujejwe amagara y’ivyo bitungwa yabimenyesheje ngo bagiye n’ukuhororera inzuki mu buryo bwa kijambere bakoresheje ibitiba vy’imbaho.Muri komine Mwumba, umutumba Vyegwa, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaragenduye umurima urimwo ivyamwa vy’inanasi n’amavoka uri ku buringanire bwa hegitari 250.Ngo urimwo inanasi zishika umuriyoni n’amavoka ashika ibihumbi 100 ukaba wegukira amashirahamwe arenga 150 harimwo n’Umukuru w’igihugu.

Muri ivyo biti vy’amavoka, harimwo ubwoko bw’amavoka yo gufungura n’ayo guhinguramwo amavuta, amasabuni n’ibindi.Nk’uko Umukuru w’igihugu yabimenyesheje ngo mu myaka itanu iri mbere, igiti c’ivoka kikazoshobora kwinjiza amafaranga ari hagati y’100 n’150 mu madorari y’abanyamerika. Vyongeye, baheje guhinguramwo ayo mavuta, haravamwo ibifungurwa vy’inka. Ubu hakaba hariko haragirwa ubushakashatsi aho ngo mu misi iri mbere bashobora kuzohinguramwo imiti.

Umusi wahariwe umurwanyi muri komine Mwumba Ku muhingamo, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarifatanije n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bo muri komine Mwumba mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe umurwanyi. Ivyo birori vyabereye ku kibuga c’inkino ca komine Mwumba ahari hahuriye abanywanyi b’umugambwe CNDD- FDD bo ku mitumba yose igize komine Mwumba. Ivyo birori vyatangujwe n’idefire yagizwe n’imigwi y’abahoze ku rugamba, n’iyindi migwi myinshi.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko urugamba ruheze haza urundi. Aho akavuga kurwanya ubukene, ubunebwe n’izindi ngeso mbi. Aho mu ntambara abanyeshure biga nabi nabi, ngo ubu hari urugamba rwo kwubaka amashure hamwe n’ibindi bijanye n’iterambere nko gukingira ibidukikije n’ibindi vyinshi.

Yahamagariye rero abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD ko kwihangana kubabere umutahe, bongere bagire urunani. Ngo no muri kino gihe bariko barubaka igihugu kuko kahise ntigahinduka kazoza ngo niko gashobora guhinduka.Imbere y’ijambo ry’Umukuru w’igihugu, uwurongoye umugambwe muri komine Mwumba Jérémie Manariyo yamenyesheje abari aho ko uburongozi bukuru bw’umugambwe bugiye kurihira imiryango igera ku 7000 y’abanywanyi igizwe n’abapfakazi, impfuvyi n’abamugariye ku rugamba ka gakarata ko kwivurizako.

Kabaye n’akaryo ko gusaba ababishoboye bose gufatira kuri ako karorero keza mu gufasha imiryango iri mu bukene.Vyongeye, yaboneyeho gusaba abari aho gutsimbataza amahoro yo soko ry’iterambere. Agasaba abagifise agatima ko guhungabanya amahoro n’umutekano ko ibihe vyarenze ubu hageze gutsimbataza nyabuna ibikorwa vy’iterambere.

Abanywanyi nabo bataye umurongo bahamagariwe gusaba ikigongwe. Ngo mbere uko umwaka utashe bazohora bagira urutonde rwabigenjeje nabi ngo bikazoshika aho birukanwa burundu mu mugambwe .Tubamenyeshe ko uwaserukiye abahoze ku rugamba yasavye mw’ijambo ryiwe ko hojaho itegeko rigenga abahoze ku rugamba, mbere ngo hakajaho igisata c’abahoze ku rugamba mu ntara zose.

Yaranahamagariye abahoze ku rugamba kuja mu mashirahamwe yo kurwiza umwimbu bakirinda basesankuyoze.


PBB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.