IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo guherekeza umuvyeyi w’incungu ya (...)

Umukuru w’igihugu yitavye ibirori vyo guherekeza umuvyeyi w’incungu ya Demokrasi

jeudi 1er février 2018

Ivyo birori vyatanguriye mu buruhukiro bw’ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge, ahakuwe ikiziga ca Tereza BANDUSHUBWENGE umuvyeyi yari asigaye w’incungu ya Demokrasi Melchiro NDADAYE.

Nk’uko vyari vyashikirijwe mw’itangazo ry’umukuru w’igihugu ryasomwe n’umuvugizi wiwe Jean Claude KARERWA NDENZAKO, kuw’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018, ko Reta yofasha mw’ishinguranwa n’iteka uwo muvyeyi, ivyo birori kandi vyari vyitabwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

JPEG - 74 ko
Umukuru w’igihugu aramukanya n’umukenyezi w’umuhisi Melchior NDADAYE

Muri ivyo birori kandi hari umukenyezi w’umuhisi Melchior NDADAYE, incungu ya Demokrasi.

Ibirori vyo gushingurana iteka umuvyeyi wa Melchior NDADAYE incungu ya Demokrasi, vyaciye bibandaniriza ku muhana w’umuhisi, ku mutumba Murama, komine ya Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.