IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’inama nshingamateka amenyesha ko ata rubuga rwiwe rwa Facebook (...)

Umukuru w’inama nshingamateka amenyesha ko ata rubuga rwiwe rwa Facebook akoresha

vendredi 5 janvier 2018

Nk’uko vyashikirijwe n’umuvugizi w’Inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Nzero 2018, Umushingamateka Nyabenda Pascal nta rubuga rwa facebook yiwe bwite akoresha.

Umuvugizi w’inama nshingamateka avuga ko hari abamaze imisi bashirako amafoto atesha icubahiro umukuru w’inama nshingamateka, aho twovuga nk’amasanamu y’abantu bishwe, canke abana bafise ibigwanisho.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE ahamagarira abarundi n’amakungu ko atawohendwa n’abo bantu bakoresha urwo rubuga kw’izina ryiwe, nk’uko hari abamaze imisi bandikiranira, haba abasaba imibonano canke abasaba ubuzi.

Ku bipfuza gukurikirana ibikorwa vy’umukuru w’inama nshingamateka, umuvugizi w’Inama Nshingamateka amenyesha ko aho boca ku mbuga ngurukanabumenyi ari : facebook:Inama nshingamateka, Twitter : @nshingamateka, no kuri ww.assemblee.bi .


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.