IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO yarekuwe

Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO yarekuwe

dimanche 2 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO akorera insamirizi RPA yarekuwe inyuma y’umwaka uburamwo iminsi cumi n’ibiri yari amaze ari mw’ibohero mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma wa RPA yashitse mu Rwanda, ahasanzwe hari umuryango wiwe, hamwe n’abandi bamenyeshamakuru bahunze igihugu.

Egide MWEMERO yari yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, ari mu nyubakwa z’insamirizi Le Messager du Peuple ikora i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yajanye mw’igendereza rya Congo, yagirizwa kuba ari ku butaka bw’ico gihugu atabifitiye uruhusha, hamwe n’ugukorana n’imirwi irwana. Mu nyuma yajanwe gupfungirwa i Kinshassa, aho yamaze ico kiringo c’umwaka uburamwo iminsi cumi n’ibiri. Kuva kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya mbere Gitugutu 2016, Egide MWEMERO ari mu muryango wiwe.

JPEG - 44.2 ko
Umumenyeshamakuru Egide MWEMERO yavuye mw’ibohero

Ni umunezero mu muryango w’abamenyeshamakuru, cane cane mu bamenyeshamakuru ba RPA, insamirizi uwo mumenyeshamakuru yakorera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.