IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umunsi mpuzamakungu wahariwe amazi wahimbajwe hakiri aho bigoye kuronka (...)

Umunsi mpuzamakungu wahariwe amazi wahimbajwe hakiri aho bigoye kuronka amazi meza

vendredi 23 mars 2018

Ibice vy’igisagara ca Bujumbura ahacibonekeza ubukene bw’amazi meza ni mu gice ca quartier Mirango ya kabiri, iri muri zone Kamenge, komine Ntahangwa, ku Mugoboka, muri zone Rohero, komine Mukaza.

HAKIZIMANA Mariam, umukenyezi yubatse afise abana babiri, avuga ko yabaye muri quartier Mirango ya kabiri, kuva mu mwaka wa 2015, avuga ko kuva ahashitse ikibazo c’amazi meza kiguma cibonekeza.

Mariam HAKIZIMANAavuga ko kuva atanguye kuba muri quartier Mirango, ata ngorane nyinshi z’ubuzima arabona, ariko ko amazi ariyo amugora, kuko aboneka kuva isaha zitandatu z’ijoro, isaha icumi n’imwe z’igitondo akaba agiye, kandi ayo masaha aba aryamye.

Ati :« Muri quartier Mirango, ubuzima bwari bwiza twagerageza kubaho, ariko iyo hageze ku mazi bica bitugora, kuko amazi aza mw’ijoro turyamye, akagenda tutaravyuka. Bica bidusaba n’imiburiburi amafaranga 200 ku munsi yo kuvoma. »

Muri quartier Mugoboka hoho, abanyagihugu baho bavuga ko ivy’amazi meza batakironka ico babivugako, kuko basa n’abavyibagiye, muri ico gice c’igisagara ca Bujumbura.

Emmanuel NDUWARUGIRA, umunyeshuri muri kaminuza y’Uburundi aba muri quartier Mugoboka, avuga ko hageze aho bikora ku mazi y’uruzi Ntahangwa rugabura Komine Ntahangwa na komine Mukaza.

« Twebwe aha ku Mugoboka ivy’amazi meza twaravyibagiye. Hari igihe twahora tuyaronka ku mabombo rusangi, ariko ubu ntituzi icabaye. Ivyo amazi meza ntibikivugwa hano, dusigaye twikora ku mazi ya Ntahangwa. »

Yaba Emmanuel NDUWIMANA canke n’abandi banyagihugu baba muri ico gice, basaba ababijejwe na cane cane ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO, kubagarukirako, ibintu bitaraba nabi gusumba.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.