IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuntu umwe yitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka ya Général Alain Guillaume (...)

Umuntu umwe yitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka ya Général Alain Guillaume BUNYONI

mercredi 25 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Iryo sanganya ryabaye mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, nk’igihe c’isaha zitatu z’agatondo.

Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo modoka (Jeep) yunguruza Général Alain Guillaume BUNYONI yataye ibarabara igeze muri komine Mabanda, intara ya Makamba. Muri iryo sanganya, iyo modoka yagonze abantu bane bariko bariyunguruza n’amaguru kuri iryo barabara rya Mabanda.

Umwe muri abo bantu yaciye yitaba Imana aho nyene, babiri barakomereka bikomeye, umwe nawe akomereka bisanzwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abo ntibari bagikwiye no kugendera hasi kuko bageze ku rwego rwo hejuru. Hari hageze ko begenda baguruka nk’ Abamalayika kuko barungitwe n’Imana gutwara Uburundi ibihe bidashira. Si je Busurahende ndabivuze nivyo bagenda baririmba uko bukeye uko bwije.
    Ku banyagihugu bakomeretse n’uwo yitavye Imana, ni ukwigumya. Mufatanye umubabaro na wa mushoferi yakubitwa agashaya ngo yazibiye aho uwo mutegetsi yarungitwe n’Imana yagira ace hagati mu gisagara ca Bujumbura.

  • arabamaze kandi akiriko general niyishe bakeyi.

  • Ntiyishe bake nubu akiriko,Bunyoni buri Novembre atanga sacrifice y’umuntu rero ntagitangaje kirimwo ivyo birazwi cane

  • Iryo nisanganya kuko siryambere mwumvise isanyanya ry’ imodoka hama turahojeje uwomuryango waboze iwita vy’imana imwakire mubwami bwayo na bakomeretse bihangane imana irababona nuwo mushikiranganje twizere ko azobagarukirako akana hoza uwo muryango wabuze kuko arazi kubura kobibabaza cane tugasaba naboba chaufeur kobogabanya umuvumbuko kuko ivyuma vyakoze na bantu ejo bazohitana icobari gukingira ,kuko iyisi siyacu tuhatse indaro murazi nindege kishobora gukoroka yarimukirere nkaba ndangije guhoza uwomuryango wabuze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.