IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuserukizi wa AAPI mu (...)

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE yagenywe kuba umuserukizi wa AAPI mu Burundi

mercredi 31 janvier 2018

Aho ari mu gihugu ca Etiyopiya, Yves KAMIKIWE ni mwe yahawe ako gashimwe, mu bandi 90 bava mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabanwe wa Afrika.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha ko,ako gashimwe gatumye yemerwa nk’umuserukizi w’ishirahamwe AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE mu gihugu c’Uburundi.

Yves KAMIKIWE avuga ko agashimwe yahawe gafise akamaro kuri we ubwiwe nk’umuririmvyi no ku gihugu cose c’Uburundi, kuko ishirahamwe AAPI rikora igikorwa co gushiraho amahoro miciye mu mwuga umuntu akora, ico bise mu rurimi rw’icongereza Culture of Peace.

Umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha ko yahawe uburenganzira bwo kuba umuserukizi w’ishirahamwe AFRICAN ARTISTS PEACE INITIATIVE AAPI mu kiringo c’imyaka itatu.

Yves KAMIKIWE avuga ko ico gikorwa ashobora no kugikora no mu bindi bihugu, nk’uko yabitanguriye mu gihugu ca Etiyopiya, kandi bazokwama babikora no kw’isi yose.

Bitegekanijwe ko Yves KAMIKIWE azogaruka mu gihugu c’Uburundi kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018.

Yves KAMIKIWE yamenyekanye cane,inyuma y’indirimbo yaririmvye yise ‘’Samandari’’ yahavuye mbere imuviramwo n’izina ry’iritazirano rya Samandari.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.