IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurongo utariha wa CROIX ROUGE ufasha gutabariza imbabare

Umurongo utariha wa CROIX ROUGE ufasha gutabariza imbabare

vendredi 21 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ritabara imbabare, Anselme KATIYUNGURUZA amenyesha ko inkuru abantu batanga biciye ku murungo w’ubutabazi "109" zifasha kugira bamenye inkuru zitandukanye z’ivyabaye, nk’ibijanye n’ahantu haguye imvura nyinshi, uruzuba, kugira amashirahamwe ajejwe gufasha kiremwa muntu abimenye, ashobore gutabara abahuye n’ivyo biza canke izindi ngorane zitandukanye.

Mwomenya ko umurongo w’ubutabazi utariha wa "109" watanguye gukora amasaha 24 kuri 24 kuva mu kwezi kwa Rusama 2016. Abantu barenga ibihumbi 5 nibo bamaze kuwuhamagarako, muribo hakaba harimwo ibice 83,2 kw’ijana vy’abagabo hamwe n’ibice 16,8 kw’ijana vy’abagore.

JPEG - 48.9 ko
Umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ritabara imbabare, Anselme KATIYUNGURUZA

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.