Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurongo utariha wa CROIX ROUGE ufasha gutabariza imbabare
Umurongo utariha wa CROIX ROUGE ufasha gutabariza imbabare
vendredi 21 Mukakaro 2017, par
Umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ritabara imbabare, Anselme KATIYUNGURUZA amenyesha ko inkuru abantu batanga biciye ku murungo w’ubutabazi "109" zifasha kugira bamenye inkuru zitandukanye z’ivyabaye, nk’ibijanye n’ahantu haguye imvura nyinshi, uruzuba, kugira amashirahamwe ajejwe gufasha kiremwa muntu abimenye, ashobore gutabara abahuye n’ivyo biza canke izindi ngorane zitandukanye.
Mwomenya ko umurongo w’ubutabazi utariha wa "109" watanguye gukora amasaha 24 kuri 24 kuva mu kwezi kwa Rusama 2016. Abantu barenga ibihumbi 5 nibo bamaze kuwuhamagarako, muribo hakaba harimwo ibice 83,2 kw’ijana vy’abagabo hamwe n’ibice 16,8 kw’ijana vy’abagore.
- Umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ritabara imbabare, Anselme KATIYUNGURUZA
Vianney BIKORIMANA