Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CNTB wahawe umurongozi mushasha, CNC ihindurirwa abayigize
Umurwi CNTB wahawe umurongozi mushasha, CNC ihindurirwa abayigize
lundi 11 juin 2018
Mu murwi CNTB, Felicien NDUWUBURUNDI niwe yagenywe kugira asubirire Festus NTANYUNGU yahora arongoye uwo murwi, mu gihe Nestor BANKUMUKUNZI yagenywe kugira asubirire KARENGA Ramadhan mu murwi CNC.
Felicien NDUWUBURUNDI yari asanzwe arongoye ihuriro ry’imigambwe FDP yagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/060 ryo kuwa 8 Ruheshi 2018, mu gihe Nestor bankumukunzi yagenywe n’itegeko inomero 100/058 ryo kuwa 8 Ruheshi 2018.
Nestor BANKUMUKUZI akaba yahora ari umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, amaposita hamwe n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.
MUGISHA Van Naris
Messages
11 juin 2018, 22:41, par Saliki
Nibasubiremwo imanza zose zimaze gucibwa kuko vyaragaragaye yuko harimwo akarenganyo n’ibiturire vyinshi.
12 juin 2018, 12:54, par Busurahende
Muti CNC yahinduriwe uwayitegeka ? Mwashaka bamushimire gute muzi ingene yataye igihugu mu kaga ngo arugaye za BBC, VOA... n’izindi ngingo za gihuruduka yamye afata. Ngira muribuka amajambo yavuze igihe Falcon igurishijwe. Ari mubasibanganije izina ryiza ry’igihugu.
12 juin 2018, 20:01, par Bobar
Uwo Mukuru Wa Cntb Urabuje Guhuza Abasangwa Na Abahungutse, Babane Muma Horo, Atawangajwe !