IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CVR ugiye gutanguza igikorwa co kurondera ibinogo rusangi

Umurwi CVR ugiye gutanguza igikorwa co kurondera ibinogo rusangi

samedi 25 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’umurwi ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira Musenyeri Jean Louis NAHIMANA amenyesha ko umurwi CVR ugiye gutangura igikorwa co kurondera no kwihweza ahari ibinogo rusangi.

Mu kiganiro umurwi CVR watunganije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,Jean Louis NAHIMANA arongoye uwo murwi yavuze ko mu Burundi hashobora kuba hari ibinogo bishika 2500 vyahambwemwo abarundi bahitanywe n’ubwicanyi mu myaka 45 iheze.

Kubwa Musenyeri Jean Louis NAHIMANA, naho ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu atari bike mu gihugu, kandi bikaba biri no mu bice bitandukanye vy’igihugu, ikinogo cose gifise kahise kaco.

Muri ico kiganiro Musenyeri Jean Louis, arongoye CVR, yavuze kandi ko kunywanisha Abarundi bishoboka bidaciye mu butungane.

Mwomenya ko umurwi wo kuvugana ukuri nop kurekuriranira uherutse gushiraho abize akahise k’Uburundi,kugira bafashe kumenya ukuri ku vyabaye mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Mubigizuko nisawa hamwe atawuzovugango yararenganijwe here kuntango gushikubu nihosawa kugirango tu.enye abacu ababishe abarib

  • ibijuju gusa, ivyo binogo rusangi bishasha biri ngaho mu kanyosha n’ibubanza ko ataco murabivugako. ivyanyu birazwi ariko nta murundi numwe azobashimira ivyo muriko muragira muzoshimirwa na sobuja wanyu yabahaye akazi.

  • ni mu RWANDA KAGAME yarabikoze nuko ibinogo byose arabifata nuko bituma abahutu batongera kubona ubutegetsi.nkurunziza Ni umuhanga ni intelligent

  • Ibiteye Agahinda Nuko abakoze genocide y´abahutu 1965, 1969, 1972, 1991, 1993 atabutungane baritaba kandi bacidegevya abo nabo hari: SIMBANANIYE ARTHEMON ashobora gupfa atishuye amabi yakoreye Abarundi. None twebwe Abarundi bu mutima tugira dusabe umukuru w´igihugu kurengukisha SIMBANANIYE ARTHEMON, naba Buyoya imbere y´ubutungane hariho ivyemezo vyinshi bivyerekana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.