IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango wa Adolphe NSHIMIRIMANA wibutse imyaka ibiri iheze yitavye (...)

Umuryango wa Adolphe NSHIMIRIMANA wibutse imyaka ibiri iheze yitavye Imana

mercredi 2 Myandagaro 2017

Umupatiri yasomye imisa yo kwibuka imyaka ibiri iheze General Adolphe NSHIMIRIMANA yisunze igisomwa kiri mu nkuru nziza yanditswe na Matayo, igice ca 42 yavuze ko mw’isi tuhaca ariko dufise iyo tuja kuhashika naho bigasaba guca mu ntambara zitandukanye.

Umusaseredoti yasavye Imana ko yoshikana mu buzima bw’umunezero umuhisi General Adolphe NSHIMIRIMANA.

Ivyo birori vyitabwe n’umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Isabelle NDAHAYO, Valentin BAGORIKUNDA yahoze ari umushikirizamanza kizigenza wa Republika, hamwe n’abashingamateka n’abandi bari mu mabanga ahambaye mu gihugu.

General Adolphe NSHIMIRIMANA yigeze kuba umukuru w’ibiro bikuru vy’abasirikare yitavye Imana mugatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015, arasiwe muri zone ya Kamenge hafi y’ibitaro vyitiwe umwami Khaled mu Kamenge.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.