Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuryango wa Adolphe NSHIMIRIMANA wibutse imyaka ibiri iheze yitavye (...)
Umuryango wa Adolphe NSHIMIRIMANA wibutse imyaka ibiri iheze yitavye Imana
mercredi 2 Myandagaro 2017
Umupatiri yasomye imisa yo kwibuka imyaka ibiri iheze General Adolphe NSHIMIRIMANA yisunze igisomwa kiri mu nkuru nziza yanditswe na Matayo, igice ca 42 yavuze ko mw’isi tuhaca ariko dufise iyo tuja kuhashika naho bigasaba guca mu ntambara zitandukanye.
Umusaseredoti yasavye Imana ko yoshikana mu buzima bw’umunezero umuhisi General Adolphe NSHIMIRIMANA.
Ivyo birori vyitabwe n’umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Isabelle NDAHAYO, Valentin BAGORIKUNDA yahoze ari umushikirizamanza kizigenza wa Republika, hamwe n’abashingamateka n’abandi bari mu mabanga ahambaye mu gihugu.
General Adolphe NSHIMIRIMANA yigeze kuba umukuru w’ibiro bikuru vy’abasirikare yitavye Imana mugatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015, arasiwe muri zone ya Kamenge hafi y’ibitaro vyitiwe umwami Khaled mu Kamenge.
MUGISHA Van Naris