IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umushingamateka ayoboka RWASA yagirijwe gukorana n’umurwi w’abitwaje (...)

Umushingamateka ayoboka RWASA yagirijwe gukorana n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho

mercredi 17 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE amenyesha ko aba mbere muri abo batanu bafashwe kuri uwu wa mbere, abandi babiri bakaba bafashwe kuri uwu wa gatatu.

Uwo murwi wa bose hamwe uko ari batanu biyemerera ko bakora ubugizi bwa nabi kw’itegeko ry’umushingamateka Térence MANIRAMBONA, bakaba bafatanwe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnkov zafatiwe i Muramvya, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mu giporisi bavuga ko abagirizwa ico caha bapfungiwe mu gasho i Gitega, amatohoza akaba abandanya ku ruhara rw’umwe wese muribo.

Ntiturashobora kuronka umushingamateka Térence MANIRAMBONA. kugira agire ico ashikirije kuri ivyo vyavuzwe n’igiporisi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.