IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umuvugizi w’igiporisi asaba abariko bashaka kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu (...)

Umuvugizi w’igiporisi asaba abariko bashaka kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu kwitura igiporisi

jeudi 4 janvier 2018

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko ayo makuru nabo bayumvise ko hari abaporisi boba bajana n’abakozi b’ishirahamwe CATD gutoza amafaranga y’ikarata ndangamukozi wo mu nzu, abakozi na bamwe mu badandaza.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko, mu giporisi bamaze kuvyumva baciye batangura amatohoza, ariko agasigura ko mu bisanzwe atari abaporisi bahitana abakozi b’ishirahamwe CATD, ariko ari abakozi b’ishirahamwe CATD bahitana abajejwe umutekano.

Mu gihe bamwe muri abo basabwa amakarata n’ishirahamwe CATD bavuga ko bisa n’ugushaka kwijizwa ku nguvu mw’ishirahamwe, umuvugizi w’igiporisi asaba uwo wese ariko ashaka kwinjizwa mw’ishirahamwe ku nguvu batigeze bavugana kucitura, kugira barondere abariko barabikora, kugira bashikirizwe ubutungane.

JPEG - 50.4 ko
Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ku kibazo c’aboba bamaze gutangishwa amafaranga, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, abasaba kwitura igiporisi kugira kirondere abo bariko bashaka guhohotera abanyagihugu.

Mw’ishirahamwe bamenyesha ko batariko binjiza abakozi mw’ishirahamwe ku nguvu, ariko babasaba kwiyandikisha kugira bamenyekane, kuko hari abiyitirira ko ari abakozi bo mu nzu kandi ari abagizi ba nabi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.