IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi mushasha wa API avuga ko agiye gushiraho imigambi ijanye n’ibihe (...)

Umuyobozi mushasha wa API avuga ko agiye gushiraho imigambi ijanye n’ibihe vya none

lundi 20 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo yashikirije kuri uwu wa mbere, mu gihe haba ibisikanya hagati y’umuyobozi mushasha n’uwahahora, Leonard Sentore aheruka kugenwa mu burongozi bwa API yashikirije ko imigambi mikuru mikuru itari bwaje mu ngiro agiye gukora ibishoboka kugira ikorwe.

JPEG - 138.2 ko
Leonard Sentore aheruka kugenwa mu burongozi bwa API

Imwe muri iyo migambi ni iyijanye no gushiraho urubuga ngurukana bumenyi rwa API ruri mu rurimi rw’Icongereza, gushira ingingo ngenderwako zizokworohereza abanyamitahe kuzana imitahe yabo mu Burundi ari benshi, hamwe no gushiraho uburyo bwa none buzofasha abashaka kuriha amafaranga y’ivyo bakeneye.

Tubibutse ko Leonard Sentore asubiriye Didace NGENDAKUMANA yari amaze amezi 22 arongoye ikigo API, ubu akaba yagenwe kuba umuyozi nshingwantwaro ajejwe ivy’ubutunzi mu kigo ARFIC gikurikirana ivy’ikawa mu Burundi.

JPEG - 138.5 ko
Didace NGENDAKUMANA yagenwe kuba umuyozi nshingwantwaro ajejwe ivy’ubutunzi mu kigo ARFIC gikurikirana ivy’ikawa mu Burundi.

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.