IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Urugendo rw’urumuri rw’amahoro si igikorwa c’umugambwe CNDD FDD"

"Urugendo rw’urumuri rw’amahoro si igikorwa c’umugambwe CNDD FDD"

mardi 29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri uwo murwi bavuga ko urwo rumuri rw’amahoro rusigura ko Uburundi buba buvavanuye n’ingeso y’ingwano z’urutavanako zibonekeje muri kahise.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, icegera c’uwujejwe gutunganya ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro, Epipode BARANYIKWA yamenyesheje ko abaherekeza urwo rumuri baronka akaryo ko kwifadikanya n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere nk’ukubaka amashure, ibiro vy’indongozi, ibibuga vy’inkino z’umupira hamwe n’ibikorwa vy’gukingira ibidukikije mu guteragira ibiti ku misozi itandukanye.

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi bamenyesha ko urumuri rw’amahoro ari ibikorwa bitunganywa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD mu kwerekana ibikorwa vyabo hamwe no gushigikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Epipode BARANYIKWA icegera c’uwujejwe gutunganya ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro siko abibona. Avuga ko urwo rumuri rufise intumbero yo guhimiriza ibikorwa vy’iterambere bivanye n’aho rugenda ruraca kandi ko abaruherekeza batitwaza ibimenyetso vy’umugambwe canke ivyerekana imigwi bavamwo.

Epipode BARANYIKWA agira ati : "Urugendo rw’urumuri rw’amahoro ruba ku mugaragaro kandi ku murango. Nta muntu n’umwe atwara ibiranga umugambwe canke umugwi arimwo, ndetse nta n’uwugendayo yiyitirira umugambwe arimwo."

JPEG - 54.3 ko
Epipode BARANYIKWA, icegera c’uwujejwe gutunganya ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro

Urugendo rw’urumuri rw’amahoro "Flambeau de la Paix" rumaze imyaka cumi rutangujwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA inyuma y’umwaka umwe atowe kurongora Uburundi. Uwu mwaka w’2017, ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro bizotanguzwa n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga mu ntara ya Kayanza ku civugo : "Tugire urunani rw’intamenwa twubake kandi dukingire igihugu cacu."


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.