Accueil > Amakuru > u Burundi > Urwaruka rwo mu migambwe rwiyemeje kudasubira imvugo icanishamwo
Urwaruka rwo mu migambwe rwiyemeje kudasubira imvugo icanishamwo
jeudi 21 Nyakanga 2017, par
Inyuma y’inyigisho zatunganijwe ku rwaruka ruserukira abandi mu migambwe itandukanye zabereye mu ntara ya Kirundo, abari baserukiye abandi bagera hafi kuri mirongo indwi biyemeje ko mu mvugo zabo za minsi yose, bagiye kwirinda gukoresha imvugo icanishamwo, canke ikumira abandi.
Urwo rwaruka rwariyemereye ko rwama rwakoreshejwe ku nyungu za bamwe, ruka rwumvikanye ko rugiye kubana mu mahoro, rwubahana mu butandukane bwarwo. Abakurikiranye izo nyigisho ni abo mu ntara za Kirundo, Kayanza, Ngozi hamwe na Muyinga.
Umuhuza w’Abarundi Edouard NDUWIMANA yari muri ivyo bikorwa vy’izo nyigisho zateguwe n’ishirahamwe UNFPA, yahamagariye urwaruka kudatwarwa n’ibihe vya poritike igihugu kiba kigezwemwo, abasaba kwihanganirana. Edouard NDUWIMANA yagarutse ku ndirimbo y’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD muri komine Ntega, intara ya Kirundo, rwaririmvye amajambo avuga "gutera inda abakeba kugira bavyare imbonerakure".
Urwo rwaruka rwasavye abanyeporitike ko batosubira kubacanishamwo.
IGIHE
Messages
21 Nyakanga 2017, 12:37, par BUSURAHENDE
Bwa bundi Uburundi burashobora kwogorora ko Nduwimana yemeje ko imbonerakure z’i Ntega zasaze. Hanyuma aze abandanye avuga kuzo barungitse Kiliba Ondes ubu zigeze i Kamanyola gukora amahano. Wewe arabishoboye kuko iyo bivuga uwundi bomukoreyeko!
21 Nyakanga 2017, 15:09, par Kararuza
Imvugo zicanishamo zivugwa naba DD n’Imbonerakure ntabandi,ikibabaje ni uko zidedemba gusa ntizigire ico zigira,zadedembeye kumupaka hafi y’u Rwanda ziraswamo zibiri zirahagwa,izindi ziriruka zigeze i Bujumbura ziririmba ngo zizomesa Nyakubahwa Kagamé mugabo vyaragaragaye ko zimutinya
22 Nyakanga 2017, 04:45, par Ntakirutimana John
Iyo niporitike yoguhuma amaso amakungu ngo bariko barahanura izombonerakure!, iyo bumenyumwe bwarikindi.
Hinge ejo muzorabe ivyo bazokwamurwamwo bariko barasara mumabarabara,
ikindi nahanure bashebuja babigisha amacakubiri nogufata abagore nabigeme kunguvu.