IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uvira : Bamwe mu banyagihugu batanguye guhungira ingwano mu (...)

Uvira : Bamwe mu banyagihugu batanguye guhungira ingwano mu Burundi

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abarundi begereye urubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bavuga ko kuri uwu wa gatatu bumvise urwamo rw’amasasu menshi hamwe n’inkoho za muzinga, muri iyo mishamirano iriko ibera i Uvira.

Gushika ubu Reta y’ico gihugu ntiravuga ibimaze kwononekara, abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba, bamwe muribo bakaba batanguye guhunga. Ku rubibe Uburundi buhana na Congo, abanyagihugu bavuga ko abanyekongo batanguye guhungira mu Burundi. Ubutegetsi bwa Congo bukaba kuri uwu wa kane bwafashe ingingo y’ukwugara urubibe ico gihugu gihana n’Uburundi.

Abarwanyi ba Mai Mai Yakutumba bateye basaba ko umukuru w’igihugu Joseph KABILA ava ku butegetsi, kuko ikiringo ciwe caheze kuva mu kwezi kwa Kigarama 2016. Basaba kandi ko inzego zose zisubirwamwo, hamwe n’uko umurwi wabo wa Mai Mai Yakutumba wemerwa.

Abo barwanyi bamaze gufata uduce tune, bakaba bagenzura ibirometero birenga 50, hamwe n’umurwa mukuru wa MBOKO, muri iyo ngwano imaze iminsi itanu.

Abasirikare ba MONUSCO babandanya gufashanya n’abasirikare ba Congo, akaba ari nabo bacungereye ahari ikambi y’Abarundi.

Amakuru dukura aho i Congo avuga ko abateye bamaze kumenyesha ko ataco bazogira impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu, kuko ataco bazironderako. Bavuga ko ico izo mpunzi zizoba bizobazwa abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ayo masasu yumvikanira mu karere ka Mboko, muri Kivu y’ubumanuko, hafi y’ahari izo mpunzi zirenga ibihumbi mirongo itatu.

Abo barundi bari hafi y’ahariko habera izo ngwano basaba ko botwarwa mu kindi kibanza kiri kure y’ahari umutekano muke. Basaba kandi abo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe na HCR ko bofata mu minwe ico kibazo cabo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.