IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwugiye kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi "FFB" (...)

Uwugiye kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi "FFB" yamenyekanye

dimanche 8 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kibanza c’ukurongora iryo shirahamwe, umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO yahiganwa na OPC 1 Alexandre Muyenge batazira Manelex. OPC1 Alendre Muyenge niwe yari asanzwe arongoye umurwi wo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ujejwe ivy’umutekano, akaba akina mu murwi Haleluya FC w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Reveriyano NDIKURIYO yatowe ku majwi 48 ku bantu 50 bariko baratora. Babiri ntaco babivuzeko. Yatsinze ku bice 96 kw’ijana.

JPEG - 78.2 ko
Umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO, inyuma y’itorwa ryiwe mu burongozi bwa FFB

Abandi bamaze kumenyekana batsinze ni abarongoye imirwi itandukanye y’iryo shirahamwe. Abo nabo ni aba bakurikira :

Denis KARERA, arongoye umurwi ujejwe ivy’ubutunzi
Yussuf Mossi arongoye umurwi ujejwe ivy’amahiganwa
Umushingamateka Sylvestre NDAYIZEYE ajejwe ivy’inkino z’urwaruka
Kibuga Ramadhan Ajejwe ivy’imigenderanire
Kabura Eugenie ajejwe inkino z’umupira w’amaguru ku bigeme n’abagore.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.