IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uwuzoserukira Uburundi mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC ntaramenyekana

Uwuzoserukira Uburundi mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC ntaramenyekana

mercredi 17 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko igihugu c’Uburundi kizotegerezwa guserukirwa muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu.

"Reta ifise ukuntu yitunganya, umukuru w’igihugu ashobora kuzokwitaba iyo nama canke akarungika uwumuserukira. Bivana n’ibikorwa biba bitegekanijwe muri Reta y’Uburundi.", icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu akemeza kandi ko Uburundi bwamaze kuronka urutonde rw’imfatakibanza ruvuga ibizokwigirwa muri iyo nama. Kuri urwo rutonde, ikibazo c’Uburundi ntikiriko, nk’uko tubikesha Alain Diomède NZEYIMANA.

JPEG - 29.5 ko
Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Hari amakuru ava mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko adagihindutse, uwuzoserukira umukuru w’igihugu NKURUNZIZA ari Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu igiye kuba inyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ibiro vy’umuhuza MKAPA bikaba vyavuze ko hari inzitizi zituma ivyo biganiro bitabandanya neza, ariko izo nzitizi zikaba zitashizwe ahabona. Umuhuza yasavye ko vuba hokorana inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira batange ivyiyumviro vy’icokorwa.

Tubibutse ko umuhuza Benjamin William MKAPA yamenyesheje ko yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi (Juin) uwu mwaka w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.