IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Emmerson MNANGAGWA yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru (...)

Zimbabwe: Emmerson MNANGAGWA yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu

Friday 3 August 2018, by vianney

Umukuru w’umurwi utunganya amatora aho muri Zimbabwe, Priscilla Chigumba, yamenyesheje ko Emmerson Mnangagwa yatahukanye intsinzi aronse amajwi 51 kw’ijana mu gihe uwutavuga rumwe na reta yaserukiye umugmabwe MDC yaronse amajwi 44 kw’ijana.

Umurwi ujejwe gutegura amatora umaze kumenyesha ko Emmerson ariwe yatahukanye intsinzi yaciye yandika k’urubuga rwiwe rwa twitteur ko iyi ntsinzi ari intango nshasha.

Muvyo yanditse k’urubuga rwiwe rwa twitteur yavuze ati “ Iyi n’itango nshasha, twubake amahoro, ubumwe hamwe n’urukundo kandi twese twubake Zimbabwe nshasha.”

Uwutavuga rumwe na Reta Nelson Chamisa yari yaserukiye umugambwe MDC yamiriye kure ivyavuye mu matora avuga ko umurwi ujejwe gutunganya amatora watangaje amajwi udasuzumye neza amajwi kandi ari ibintu bibabaje cane.

Nelson CHAMISA yavuze ko umurwi ujejwe gutunganya amatora wanse guha uburenganzira abaserukira umugambwe wiwe gukwirikirana uko amajwi aharurwa ,utegerezwa gushikiriza amajwi y’ukuri kandi agenzuwe n’imigambwe.

Umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa yabaye umukuru w’igihugu wa Zimbabwe mu mwaka uheze asubiriye Robert MUGABE.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.