IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza bahanuwe kurinda impanuka ibidandazwa vyabo

Abadandaza bahanuwe kurinda impanuka ibidandazwa vyabo

mardi 1er Mukakaro 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ahanura abadandariza mu masoko gukingira impanuka urudandazwa rwabo, no gukurikiza impanuro bagiye guhabwa.
Ahamagarira kandi abajejwe intwaro, umutekano n’abajejwe ubutungane kurondera no guhana inkozi z’ikibi zikora ububisha bwo guturira amasoko.

Mw’ijambo ryiwe ryo kwipfuriza abarundi imyaka 52 iheze baronse intahe y’ukwikukira, Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi agira ati : "Haraciye igihe tubona amasoko asha agatokombera mu ntara z’igihugu, ubutunzi bw’igihugu n’abanyagihugu bukahaherera. Birababaje cane. Ni co gituma duhanuye abadandariza mu masoko gukingiza impanuka urudandazwa rwabo no gukurikiza impanuro bagiye guhabwa".

JPEG - 29.4 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Abandanya agira ati : "Reta turongoye ikaba iriko irakora ibishoboka kugira harwizwe inyigisho n’uburyo bwo gukinga no kuzimya iyo miriro". Umukuru w’igihugu yasavye kandi ko mw’isoko ryose hoba amakomite y’umutekano ahurikiwemwo na bose kugira bame bitwararika bidasanzwe umutekano w’aho bakorera. Abajejwe intwaro, umutekano n’abajejwe ubutungane, nabo abasaba ko boshira imbere kurondera no guhana inkozi z’ibibi ziri muri ubwo bubisha.

Tubibutse ko mu Burundi isha ry’amasoko ryabaye ndanse, aho kuva mu mwaka w’2001 hamaze gusha amasoko agera kuri 13, ariko gushika n’ino saha akaba ata matohoza namwe arerekana icaturiye ayo masoko. Guhera mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2013, hamaze gusha amasoko 4 harimwo n’isoko nkuru ya Bujumbura yari ikigega c’igihugu, n’ica gatanu c’ubutunzi bw’igihugu (1/5 de l’économie nationale). Mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2013, hahiye isoko ya Bugenyuzi intara ya Karusi, mu nyuma hasha isoko y’i Kiremba mu ntara ya Ngozi, mu nyuma iyo mu ntara ya Kayanza yarahiye kuwa 30 Rusama 2014. Ku genekerezo rya 14 Ruheshi 2014 naho isoko ya Karusi yahiye ubugira kabiri.


Floxella Karire

Messages

  • Ntakubesha Perezida Nkurunziza urimubarundibambere wifurizako vyankavyakunda ko igihugu cuburundi gitegerezwa guterimbere, mbere iyaba bamwe badashirimbere kureramaboko nokwonona ivyarikobarakore bakoze imyaka 5 yikiringo canyuma cokuyobora uburundi abarunde biteguriye kukwongera yoheze abantu bavungango ’ u B urundi bwahindutse kunguvu muguterimbere!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.