IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza biyandikishije bashobora kuruta ibibanza biri mw’isoko yo kuri (...)

Abadandaza biyandikishije bashobora kuruta ibibanza biri mw’isoko yo kuri COTEBU

mercredi 10 Nyakanga 2014

Igikorwa co kwandika abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC gisozerwa kuri uno wa gatatu. Ico gikorwa kikaba carangutse mu mutekano ntangere n’aho ibitigiri vy’abiyandikishije bose atawuramenya uko bingana.

Guhera ku munsi wa mbere, ku kibuga c’inkino citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hakoraniye abariko bandika abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura, bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC. Abo badandaza bakaba bari bitavye akamo ka wa murwi ujejwe kuzotanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU. Mu gatondo ko kuri uno munsi ugira gatatu, ibikorwa vyariko bigenda neza ukuri kwamye, ndetse ibitigiri vy’abiyandikisha bigasa n’ivyagabanutse cane ugereranije no ku munsi wa mbere hamwe no ku munsi w’ejo bariko baza ari benshi. Abariko biyandikisha bavuga ko ibikorwa vyagenze neza.

Ariko rero igiteye impungenge abatari bake, n’uko ibitigiri vy’abiyandikishije bishobora kuzorenga kure niyo ibibanza bitegekanijwe muri ya soko mfatakibanza ya COTEBU. Tukaba turindiriye umukuru w’uwo murwi, Melchior Simbaruhije, atumenyeshe ibitigiri vy’abiyandikishije bose hamwe n’igikorwa kizoca gikurikira.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.