IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abajejwe umutekano bahawe amezi ane yo gukura ibirwanisho mu (...)

Abajejwe umutekano bahawe amezi ane yo gukura ibirwanisho mu banyagihugu

jeudi 3 Nyakanga 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Pascal Brandagiye,uwo umutekano Alain Guillaume Bunyoni,uwo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye n’uwo ubutungane Aimee Laurentine Kanyana basaba abanyagihugu batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha kubisubiza ku neza kuko uwuzobikora ukwo atazokurikiranwa.

Mu kiganiro abo bashikiranganji bane batanze bari kumwe ku bamenyeshamakuru,bagarutse ku kibazo c’umutekano muke umaze iminsi wibonekeza mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura na cane cane mu masaha y’umugoroba.

JPEG - 60.1 ko
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Pascal Brandagiye,uwo umutekano Alain Guillaume Bunyoni,uwo kwivuna abansi Emmanuel Ntahomvukiye n’uwo ubutungane Aimee Laurentine Kanyana basaba abanyagihugu batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha kubisubiza ku neza kuko uwuzobikora ukwo atazokurikiranwa

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye avuga ko abajejwe umutekano bahawe amezi atatu ngo babe batse ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha.

Pascal Barandagiye, yasavye kandi umunyagihugu wese yoba atunze ikirwanisho atabifitiye uruhusha, kugisubiza canke agakurikiranwa mu gihe yoguma yica amatwi.

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yasavye abajejwe umutekano kuba batse ibirwanisho abo bose babitunze batabifiye uruhusha mu mezi atatu bakongera bagatanga icegeranyo.

Ico kiganiro kibaye inyuma y’iminsi ibiri ikurikirana,humvikana mu gisagara ca Bujumbura ,amasase menshi mu masaha y’ijoro,inyuma y’indwi zibiri hari agahengwe.

Ayo masase yumvikanira cane mu bice vyabereyemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,yatanguye mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza, kuva umugambwe CNDD FDD ushize imbere Petero Nkurunziza ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.

Photo: BBC


Van Naris Mugisha

Messages

  • Turabenera mwese bavyeyi.

  • SI LETA,SI ABATAVUGA RUMWE NAYO,NTAMUNYAKURI MBONA KUKO BURYA NGO"AHO INZOVU ZIGWANIYE,UBWATSI NIBWO BUHARENGANIRA!" KUKI LETA AHO GUHA UMWANYA ABO BATAVG RUMW NGO BAGANIR UMENGA NTANGORANE IKIC AMATWI! KUKI ABATAVG RUMW NA RETA BATIBAZ KUBUZIMA BWABANYAGIHUGU! AMAKUNGU YARANANIW GUFASH UBURUNDI,IGISIGAY NUKO AKARUTA AKANDI KAZOKAMIRA KANDI "NGO IMPFIZI YIGANJ YIMYA IZINDI ZIRORERA!"

  • nibareke kwibesha gukouwizokoraneza wese azoca aja iyo abandi barimubuhugiro guko abakoneza bose barahuze

  • None ibirwanisho biba mu NGAGARA,KANYOSHA,JABE,NYAKABIGA na MUSAGA gusa canke nibo ari abanyagihugu gusa, vuga neza ivyo mushaka ntamwana arimwo tutumva kandi turazi ivyo mushaka.

  • Aaaaaaaaah.Nimba Abo Ba Polis Bahawe Indwi Zitatu Kugira Bazobe Bamaze Kwica Abatemera Ikiringo Cagatatu Ca Petero Nkurunziza

  • At Fofo, abatemera Nkurunziza baragipfana nabobafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha?

  • mbega abatumze ibirwanisho nibande nimuvyake imbonera kure mwabihaye kuko ntamunyagihugu atunga ibirwanisho izombonera kure zimaze inganda zirara zirarasa muma cartier kugira muronke abo mubeshera mwara hinyutse basha.

  • @, Kazungu , ivyuvuze vyose nawe warikwiye kubawaravyibajije kera , umva: Cangihe mwiyomicungararo udondaguye abahaba birirwa baramenamatwi abarundi barimuntara zose zigize uburundi mugukora akajagari ntiwibuka kwabarundi bagumabavuga nkukwo uvuze batimbese uburundi bisigura ayoma quertier yirirwa mukaguma ngonumyigaragamvyo yokwanka Nkurunziza? None ubunawe uravyemeyeko uburundi butagizwe nazirya Quartier gusa. Bisigurako dukwiye kuzihagurukira tukazisaka tukareba ikizisaza.

  • foto uzosara indwi zitatu canke amezi genda wite muri tanganyika ga komanyoko muziyahura mwararukarihije ruzabamwa muzohera nkifu yimijira

  • Mugihugu Harigeze Kuba Ingorane Nk’ Izo Turimwo Ubu. Abanyagihugu Baratunga Ibirwanisho Kubera Batari Bacizeye Inzego Z’ Umutekano, Bariko Babibaka Umunyepolitike Umwe Ati : Il Faut D’ Abord Desarmer Les Espris. Bati Yasaze. Ivyakurikiye Twarabibonye. Namwe Mwabashikiranganji Umwe Wo Gupfunga Na Batatu Bo Kwica, Murabwira Sobuja Ko Ivyo Gusa Bidakwiye, Ariko Nybuna Hagire Igikorwa Muvya Politike.

  • Mbega ivyo muvuga nivyo mukora mubona bihesha imana icubahiro? Amahoro azoboneka aruko muhejeje Abana bu Burundi? na Banyagwanda bari mu Burundi? Tubarire ibindi Bihugu bikora nkivyo mu Burundi mukora. So akwanka akuraga ivyamunaniye. mugabo mumenye ko amaraso ariko araboroga nimeshi kandi Imana imanukanywe no gutabara. Imana ntihendwa kuko ijisho ryayo ribonera hose icarimwe nikiri mumitima yacu irakizi. nimishatsi yoku mitwe yacu irayizi!!

  • Umushikinganji Wogupfunga, Na Batatu Bokwica Ntanyishu N’ Imwe Muzntora. Ahubwo Mubwire Sobuja Ko Gupfunga, Kwica, Atanyisu. Ariko Inyishu Nyayo Ari Iya Politike. Guhenda Abantu Ngo Bazane Ibirwanisho Ngo Ntibahanwe, Hari Abariko Barafatwa Batagira N’ Inkoni

  • Imbere yo kuvuga ukwo bobanza kwitaho imvo yatumye abenegihugu bafata ivyo birwanisho,mbe ko twumva habaye les exercices paramilitaires kiriba,tukumva kumpande zose reta nabatayemera babitunze ubwo kubikura bizokworoha?hahaha!reka turabe

  • Il Faut D’ Abord Desarmer Les Esprits Nkuko Umunyepolitike Umwe Yigeze Kubivuga Muri 93 Igigugu Kimeze Uko Ubu Kimeze. Abashikiranganji Bane, Uwogupfunga Na Batatu Bokwica Ntanyishu N’ Imwe Mufise Ahubwo Bwira Sobuja Ko Ikibazo Ari Cane Cane Ica Politike Atari Ico Gupfunga Nokwica Abantu. Guhenda Abantu Ngo Basubize Ibirwanisho Ntibazohanwa, Haaa! Ko Hari Abirirwa Barafatwa Batagira N’ Inkoni!

  • Yemwe birame ntangare! None izo ndwi zitatu burya ivyo birwanisho bizoba vyavuye mu ba nyagihugu? Canke ni akaryo ko kumaririza abatemera ikiringo ca3 ? Mbe mu yandi ma quartiers,nta bigwanisho biriyo(KAMENGE,GIHOSHA,KIRIRI,ROHERO,....)?

  • Yemwe birame ntangare! None izo ndwi zitatu burya ivyo birwanisho bizoba vyavuye mu ba nyagihugu? Canke ni akaryo ko kumaririza abatemera ikiringo ca3 ? Mbe mu yandi ma quartiers,nta bigwanisho biriyo(KAMENGE,GIHOSHA,KIRIRI,ROHERO,....)?

  • Umushikiranganji Ajejwe Gupfunga, Na Batatu Bajejwe Kwica, Ntamuti Bafise. Umuti Ni Uwa Politike.Ibintu Nk’ Ibi Vyarashitse Muri 93. Iyo Abanyagihugu Batacizeye Abajejwe Umutekano Niko Bigenda. Igihe Leta Yagomba Kubaka Ivyo Birwanisho, Hari Umunyepolitike Umwe Yababwiye Ati: Il Faut D’ Abord Desarmer Les Esprits. Ivyakurikiye Twarabibonye. Mucgomba Kuzakwa Bunyoni Yarimwo. Kuvuga Ngo Abazozisubiza Ntibazohanwa, Sivyo Kuko Hari Abariko Barafatwa Batagira N’ Inkoni.

  • bihaye amezi 3 kugira babebakoze génocide!!no mû Rwanda interahamwe zari zihaye amazi nkayo!(3)yamara ntibaheze!kandi nababiteguye siho bakiri.abo bashikirankota ngo nabashikiranganji bazopfa badusige!ntawaraziko Adolphe yopfuye atariye n’umushahara umwe wa 3emandat!!

  • ayo namada mare mare yicayaho gusa ntajambo ryova mukanwakabo ririho irisohoka ninzaragusa ingorane ziriho nizumukozi wabarundi falao yokinjura twoca twigirir amahoro twebwe bene gihugu.ahandiho nukwica gusa bene gihugu baziribusa

  • KARASHIZE INGANI UMUNTU AMAZE INDWI YOSE ASENGA AREKE ABANYAGIHUGU BAMARANE?GUKURA IBIGWANISHO MUBANYAGIHUGU KUNGUVU SICO COZANA AMAHORO MU BURUNDI.ICOBA CIZA NAHEBE ICO KIRINGO CA GATATU ABUMBWE NIVYO AFISE NKUKO YAVYIVUGIYE.

  • Birantangaza!Nonentaibabitanga Amaradio asemerera?Cankentibabihaye Abobazi?Nibageragezekubibaka Abarundituraruhijwen’intambara.Mana dutabare

  • Rekana n’imitwe y’amacakubiri mwa Barundi mwe!!Mwe ntimubona ko Imana igiye kubarimbura ni mutihana??Muragakizwa muhebe amacakubiri!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.