IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abajejwe umutekano basabwa kumenyekanisha ibikorwa vyiza barangura

Abajejwe umutekano basabwa kumenyekanisha ibikorwa vyiza barangura

samedi 21 Kigarama 2013

Inyuma y’aho urwego rw’umutekano rushikiririje umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza icegeranyo c’uko umutekano wagenze muri uyu mwaka w’2013, urwo rwego rwarashimiwe n’umukuru w’igihugu ku bikorwa vyaranguwe cokimwe n’urwego rw’ubutungane mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi.

Mu mubonano n’abategetsi b’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi hamwe n’ubushikiranganji bw’umutekano, umukuru w’igihugu akaba yaramenyesheje ko amahoro n’umutekano biriho mu Burundi kandi ko atari agaseseshwa rumiri, ivyo bigashimirwa urwego rw’umutekano, rwo rwakoze birashimwa mu guhagararira umutekano, abafise agatima ko gutoba nabo, bakabura amayira, abandi nabo bakaba bagiye barafatwa ivyo bigaca bituma n’abandi baba bafise agatima ko gutoba umutekano, baca batinya.

Umukuru w’igihugu rero akaba yamenyesheje ko ku bw’uyo mutekano urangwa mu Burundi, vyatumye igihugu cakira inama mpuzamakungu atari nke muri uyu mwaka w’2013, eka ndetse akaba anavuga ko hari n’ishirahamwe mpuzamakungu buca rishira umukono ku masezerano yo gucukura ubutare bwa Nickel i Musongati nk’uko yabandanije abimenyesha.

Umukuru w’igihugu asaba ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi, umutekano hamwe n’ubw’ubutungane kuza buramenyekanisha mu binyamakuru n’amaradiyo ivyo bakora, kuko ubwo bushikiranganji bukora ibikora inka nk’uko yabandanije abishikiriza muri iyo nama. Umukuru w’igihugu akaba asaba abo muri ubwo bushikiranganji gushira ku mugaragaro ibikorwa vyiza vyabo, mu ntumbero yo kuburizamwo inkozi z’ibibi zose iyo zoba ziri hose. Asaba inzego z’umutekano kubandanya ukwo nyene, ndetse bagwize n’inguvu muri uyu mwaka w’2014 buca dutangura, mu gukorana neza n’abanyagihugu hamwe n’intwaro.
 
Tukaba twobamenyesha ko muri ico cegeranyo cashikirijwe umukuru w’igihugu c’ivyaranguwe mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’umutekano ari nk’abari muri izo nzego bashika 433 birukanywe kuba batari bakwije ibisabwa n’amategeko, imirwi 107 y’abitwaje ibirwanisho yasambuwe, abasuma bakaruhariwe 500 bafashwe hamwe n’abumvirijwe 1629 kubashika ku bantu 1900 bafise amadosiye mu nzego z’umutekano.


Aristide Nizigire

Messages

  • SAWA NI ZIKOMEZE AKAZI KUKO UMUTEKANO NI UMUSHINGE W’ITERAMBERE

  • Wihogora mutama wacu nyenicubahiro mukuruwigihugu cacu c’Uburundi Pierre Nkurunziza, Ivyurimwuravuga nivyo turavyibonera abajejwe umutekano turabashigikiye 100% kuko bakibikora inka haba ngaha Burundi canke nomumakungu.

  • Mutabashimira siko!abantuubirirwa barapfa burimusi hanyuma ngo bakaze ibikorinka !murazi kwiha amanota kweli! Uko nuguhumaamaso amakungkugira agafashanyo mugume mwakaronse,nta ciza kiriko kirakorwa ngaho mu gihugu cacu .naho tutari hafi ariko ibiba iyo iwacu turabikurikirana ku musi ku musi.ubwo butungane bukoreshwa nubutegetsi mworeka kubushimira gute!ko democratie ngaho iwacu iro kure nkukwezi!

  • Tharcisse,None iy’urimumahanga kowirirwa ucurika ucuranura uburundi kombona ariwewe birikobiragirira ingaruka mugusigara urinyamwigendako! mbererindira akarinyumakarahinda.

  • Tharcisse,noel nziza.woba ucibuka icivugo c’uburundi;reka ntaco ndakikwibutse:UBUMWE-IBIKORWA-AMAJAMBERE.Ivyo bikwiye uko ari bitatu Uburundi kizoca kiba iparadizo,ariko wewe uracari inyuma uraba uze tugire ubwo bumwe hanyuma amajambere adusage twese!Naho utoza terera ivyubaka ibitezimbere nayo kunegura gusa ataco ufashije abo uvuga ko bariko barapfa ntakamaro.Tugire urunani tuje ku kivi umwe wese aterere ico ashoboye tutaravye mu maso aba canke bariyo nk’imiswi y’inyoni urabe mu mwaka umwe gusa iyo tuzoba tugeze.We rahura ubumenyi aho uri uburungikire abandi abandi Barundi bose aho bari bagire uko tureke gusaba ""AMANA"" abandi natwe ataco dukoze.MERRY CHRISTMAS THARCISSE AND OTHERS WITH YOU!PATRIOTE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.