IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi ba AFRICELL TEMPO bizeye ko umuhuza agiye kwiga ikibazo (...)

Abakozi ba AFRICELL TEMPO bizeye ko umuhuza agiye kwiga ikibazo cabo

mardi 24 Ntwarante 2015, par Egide N

Abakozi b’ishirahamwe Africell Tempo barugarije kuri uwu wa mbere ahakorera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bakaba bari bagiye kumusaba ko yofata mu minwe ikibazo cabo, hagatangura ibiganiro hagati y’iryo shirahamwe hamwe n’urwego ARCT rujejwe kugenzura itumatumanako ry’amakuru mu Burundi.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abakozi barenga mirongo itanu b’ishirahamwe Africell Tempo barugarije ahakorera umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, bitwaje inzandiko ziriko amajambo akurikira : "Uburundi nico gihugu conyene kw’isi abanyamitahe babangamirwa n’abobakingiye", "Umuhuza w’abarundi nagarukire imiryango y’abakozi ba Africell Tempo bagiye kurungikwa mw’ibarabara."
Abo bakozi basaba umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara ko yofasha hagatanguzwa ibiganiro hagati y’urwego ARCT rujejwe kugenzura itumatumanako ry’amakuru mu Burundi, hamwe n’ishirahamwe Africell Tempo, kugira iryo shirahamwe ntiryugarwe burundu. Abo bakozi bagizwe n’imiryango irenga amajana ane basaba Reta y’Uburundi ko yokora ibishoboka vyose, kugira iryo shirahamwe ribandanye rikora, kuko ryugaye vyokwongereza ubukene mu gihugu gisanzwe gikenye, n’ubuzi atabuhari ku rugero rukwiye.

Abo bakozi ba Africell Tempo bagasaba ko Reta y’Uburundi itoshira mu ngiro ivyasabwe n’umukoresha w’umunyamahanga yasize yanditse ko iryo shirahamwe ryokwugarwa agaca yisubirira mu gihugu ciwe. Kubw’abo bakozi, uwo yabisavye nta burenganzira abifitiye, kuko n’urwego nshingwantwaro rutari bwakorane kugira iyo ngingo ifatwe.

Umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara yaciye yakira umushingamateka Bernard Busokoza asanzwe ari icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro mw’ishirahamwe Tempo AFRICELL. Inyuma y’uwo mubonano, Bernard Busokoza akaba yamenyesheje ko yizeye ko umuhuza w’abarundi agiye gufata mu minwe ico kibazo, hakaba ibiganiro hagati ya ARCT na AFRICELL


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.