IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi batarasubira ku mirimo bahawe ukwezi kumwe gusa

Abakozi batarasubira ku mirimo bahawe ukwezi kumwe gusa

lundi 2 Rusama 2016, par egide

Uburundi buhimbaje kuri uwu wa mbere umunsi mukuru w’abakozi n’akazi mu gihe hari abakozi bari mu buhungiro kubera intureka Uburundi burimwo. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’ukwezi kumwe gusa, uwutazoba aratonda ku kazi inyuma y’ukwo kwezi akazoca afatirwa ibihano.

Mw’ijambo yashikirije yipfuriza umunsi mukuru mwiza abakozi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kwitwa umukozi ari iteka rihambaye, akavuga ariko ko nkuko ba sokuru bayamaze, uwambaye ikirezi atamenya ko cera. Asaba ababijejwe gukora intonde z’abakozi bataye akazi, atanga n’ikiringo ntarengwa kugira bahatirwe ingingo.

« Birababaje, kuko iryo teka kenshi turibona iyo tutakirifise. Turasavye ko hakorwa urutonde rw’abakozi bari bataye akazi bivuye ku ngorane igihugu gihitiyemwo, n’abamaze gusubira ku mirimo. Dutanze ukwezi kumwe gusa aho uwutazoba aratonda ku kazi azoca afatirwa ingingo hisunzwe amategeko. »

JPEG - 23.7 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko ivyo bizotuma ubushikiranganji bubijejwe bumenya igitigiri ntabanduka bakorerako mu gutunganya imishahara, agatera akamo abakiri mu buhungiro ko batahuka, akabamenyesha ko igihugu kiri mu mahoro n’umutekano kuko abahora babihungabanya bamwe bafashwe, abandi bishikanye.

« Iyo bari hose, turabamenyesheje ko umutekano wifashe neza mu gihugu cose kandi ko ugenda utsimbatara uko bukeye uko bwije, kuko bamwe mu bahora bawuhungabanya bishikanye kandi n’abandi baguma bishikana abandi nabo bagafatwa. »


IGIHE

Messages

  • Naze adusange aho twibereye none ko yumva arumukuru wigihugu

  • Iryoniterabwoba uriko urabashirako Ngo bakunde baze ubamare iyabaremye irababona imisi bamaze bagorewe mubuhungiro batarya ayo mahera yawe barabayeho nabitwa Ngo bararindiyeko wirirwa urabatema utungora mbe nabo uhejeje mugasho ugiye kubapfungura kugira basubire kuri nyamirimo canke abowirirwa uranyuruza ugiye kubaza kugira basubire kuri nyamiro ewe Burundi warahuye nakaje karamana watwawe namashetani

  • niwirambire mutama Mukuru wigihugu abarundi tugushigikiye100% .Uwanka yangare ntawundi abarundi bahisemwo atari NKURUNZIZA gusa ubu duhindure ingendo muze mutwereke.Ubu nabamwe bakugwanya bariko bicuza.reka dukore hama ubwo buzungu butangure guzezeta ngaha iwacu

  • Ndipfurije Umusimukuru Abakozibose Ariko Natwe Twicaye Mutwibuka Amadiprom Twarashinguye Turashomerey.

  • Uvuze Ukuri Di Mutama!"Uwambaye Ikirezi..." Kuko Uwuzi Ubwenge Ntoyotana Urugamba Umuntu.Ahubwo Mwari Mwarabatebeje Kubafatira Ingingo(Ibihano).Imana Nikuje Imbere Mu Kurongora Uburundi Bwacu Imana Yakuragije.

  • Uvuze Ukuri Di Mutama!"Uwambaye Ikirezi..." Kuko Uwuzi Ubwenge Ntiyotana Urugamba Umuntu.Ahubwo Mwari Mwarabatebeje Kubafatira Ingingo(Ibihano).Imana Nikuje Imbere Mu Kurongora Uburundi Bwacu Imana Yakuragije.

  • ntamuntu.abeshankawe. none.abirigwabarafa. bicwanande?.. niwewe.ubica.uragowe

  • Sindumuja ya rasanze umutekano niwose mbega wowe barakomoye mugisagara ubu uraturatura ni nama zabakuru bubihungu ntuhonyozayo ikiringe Bujumbura uyijiramo uri muriburende ahahah mbega pastor menyesha abarundi yuko Nyamitwe ariwe president kuko twama tubona afata igingo zitwara igihugu

  • Icobatangaza nukowonasanga bemera bagakomeza guhembwa uduhera abanyagihugu batanze bakacabagaruka bagahamagarira amakungu kwanka urunuka abarundi nu Burundi biciye mukuvuga ngo nihagarikwe imfashanyo zose zihabwa uburundi!!! Ariko bakiyibagizako twebwe ahotugereye twaramaze kwishira mumana kuko iyaba tuhanganye kubwumubiri urugamba ntituba turugejeje ahorugeze kuko ububiligi burakomeye bwarikuba bwararutsinze , ariko twaciye turonka inkonezi nkazimwe za Dawidi nubuzikomeza kwiyongera.

  • JENDABAZARETA NIKUKI TAMAMINKO YIRIWE IKORECHA KUMUKURU NONE ABOIKORECHA NTIBAZWI DUSAVYERETA KUGARUKIRA ABAKORECHA BATAMINKO KUKO BACINYIJWE BAKATWNKIRA NOKUREBA RPEZIDA

  • ABOBATAY AKAZI NIMUBIRUKANE MWANGAJE ABANDI BASHOMEREY! NKAJEW NDIGISHOMERI NIMUKAMPE NDAKIKORERE

  • Eka Mama Ntimuduhende Kwabapfa Badasib Gupf?Hamw Tworonk Amahor Twokwishima

  • Eka Mama Ntimuduhende Kwabapfa Badasib Gupf?Hamw Tworonk Amahor Twokwishima

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.