IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibihugu barungitswe n’ubumwe bwa Afrika bose bari i (...)

Abakuru b’ibihugu barungitswe n’ubumwe bwa Afrika bose bari i Bujumbura

jeudi 25 Ruhuhuma 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, Jacob ZUMA, ari nawe arongoye umurwi w’abakuru b’ibihugu batanu bagize umurwi udasanzwe w’intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yashitse i Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa kane. Bose abarungitswe n’ubumwe bwa Afrika bakaba bari i Bujumbura.

Abaje bose hamwe ni Jacob ZUMA umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo, umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz, umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba, hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn.

Uko ari batanu barungitswe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira bafashe mu gutorera inyishu ibibazo vya poritike biri mu Burundi, bigatuma abantu babandanya kugandagurwa. Bakaba baje kuvugana n’impande zose ingene ibiganiro vyosubira gutangura.

Abo bakuru b’ibihugu baje bakurikira urugendo Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaheruka kugira mu Burundi. Muri urwo rugendo, inyuma y’umubonano yagiranye n’abaserukira Reta hamwe n’abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamereye Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ibiganiro bihuza bose.


IGIHE

Messages

  • NIBAZE MUGABO ICONZICO BASINDUMUJA BAZOKWIYAHURA KUBERA WARIVYOZANI WAMEJIPATA IMEKUWA SIVYONDIVYO BASINDUMUJA MUBABWIRE MANDA YABO NTIRAGERA

  • ntaco nitez kuribo kirets le tout puissant wenyene

  • nkurunzizako,aripasiterintahavashakakubasengera.imana,idufashebagumanempwemunzizabazananye.ntahav’abasukamwodayimoniyikinyoma

  • Abobanyakwubahwabaribajegutorerumuti Ibibazobirimuburundi?Mwotubwiricobashitseko?

  • Abobanyakwubahwabaribajegutorerumuti Ibibazobirimuburundi?Mwotubwiricobashitseko?

  • BOZA BATOZA NICO KIMWE NTACO TUBITEZEKO,ARIKO GA WAMBURAKIZI NTAGOHEKA NDAGUTWENZE KUBONA UVUGA KO ATABWENGE MFISE SINOKURATIRA UKO MEZE N’UKO MEREWE ,KUKO VYOGUTERA ISHARI ARIKO ICONZI HAGATI YAWEWE NANJE HARI INTAMBWE AHUBWO IYOMBONYE IVYO WAYAGURA UVUGA URANTERA AKAGONGWE,MBEGA UZOGIKWIGWA HEHE AHO BUCA : SINDUMUJA WA NKURUMBI,ARIWE NYENICUBAHIRO SINDUHIJE,PACIFIC ,VITAL... BURURUKA INDEGE BAJE NAGATEKA

  • nahobaje umutekano muke uturuka kuri manda yagatatu nayo barayi vuganako

  • NIBAZE BAHANURE LETA YOMBA ARI AMAGABURANYAMA BAYAJEMWO NA RETA YOROSHE IBIBAZO BOSE BAPFA INDA NYARUCARI NIWE AHASINZIKARIRA NABO BAROROHERE IGIHE BAVA MWISHAMBA PRESIDENT ACA AGIRWA UMUSHIKIRANGANJI WINTWARO IBEREYE RERO RETA NTIBERE AMAKUNGU NKUMWANA AHIYE MUKWAHA NABO BAREKANE NIVYAMANDA BAKANANIZA AMAKUNGU INGARUKA ZIBA KUMPUNZI ZIBA ZISHE KUMBURE NATWE TWOKWEMEREGWA KWITAHIRA MUGIHUGU CATWIBARUTSE OK

  • Uko zuma yibutse kwicungerera umutekano kube arinako yibukako abarundi isinzi bariko baragandagurwa bunyamaswa nankurumbi kwariko nabo bawukenye

  • Ni vyiza kuba bishikiye ku kivi bakibonera,kuko inkuru mbarirano irutwa niyo wiboneye.Ibiganiro bizoshika ku nyishu nziza.

  • Nibagerageze Ahandi Hoho Ivyo Muburundi Vyayoberanye

  • WEWE WIYITA IRIBUKA NZOKWAMA NDAGUTWENGA KUKO UBWENG UFISE BUNGANA NUBWINGURUBE KUKO WAMA URIKUVUG AYAMUHE ME WIBUKE WAMUGANI NYENICUBAHIRO YABABWIRA LE CHIEN BOIS ME LES CARNAVALES AVANCE.NONE NAMWE MUSIGAYE MUMEZE NKATWIMUJERI INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • WEWE WIYITA IRIBUKA NZOKWAMA NDAGUTWENGA KUKO UBWENG UFISE BUNGANA NUBWINGURUBE KUKO WAMA URIKUVUG AYAMUHE ME WIBUKE WAMUGANI NYENICUBAHIRO YABABWIRA LE CHIEN BOIS ME LES CARNAVALES AVANCE.NONE NAMWE MUSIGAYE MUMEZE NKATWIMUJERI INKONA NTIYARUZWA KIRAZIRA

  • jew ndibaza ko haricobashitse?Banyakubahwa twebwe banyarucari nitwe tuhasinzikarira,kuk abohejuru ubukene dufise ntibabiraba,ugasanga nuwuriko ahiga ubuzima yagirango agiye muri ville ntaha kand yaragy gusuma utwarara ahaye uryango.

  • ego karibu iwacumuburundi

  • Ego nibaze batugire inama U Burundi bwogorore. Eka abo bose bapfa ubutegetsi babugabangane maze umunyagihugu mutomuto aronke amahoro.

  • Icipfuzo canje nuko abo bakuru b’Ibihugu baje kugenderera Nkurunziza bosiga basavye abarundi bose bahunze guhunguka, kuko ata honyabwoko ry’abatutsi basanze mu Burundi, hanyuma bongere basabe ko ibiganiro vyonyarutswa kuko nta kuguma hategwa grenades mu masoko n’ububari bidahonyozwamwo ikirenge ca Nkurunziza, c’est vraiment archaique comme solution de la crise politique en cours. Il faut que les burundais évoluent avec le temps, kuko ubwicanyi muri politique buhamagara ubundi kandi si bwiza namba mu basangiye Igihugu. Vyiza rero nukwitwara nk’abantu civilisés, tukamenya gusonera uwo tutiyumvira kumwe muri politique twibuka na cane cane ko UMUNYAGIHUGU yipfuza igihe cose gutwagwa mu mahoro. Tubandanye rero duterera ivyiyumviro vyubaka abarundi n’Uburundi, tureke kwisenyerako k’impene.

  • Aba bantu bandika batukana, bagatuka n’umukuru w’igihugu, bagahindukira bakavuga ngo Imana, bari bakwiye kwumva ko Imana yamaz kwerekana uruhande irimwo. Nta kuganza kutava ku Mana, kuko ukuriho kwazanywe n’Imana (Abaroma 13: 1). Niyo iganza ubwami bw’abantu, ikabwimikamwo uwo ishaka wese (Daniyeli 5: 21). Uwo muntu yitwa Iribuka, avuga ko amerewe neza ku buryo vyoduter’ishari, ni yigumire iyo amerewe neza areke kutuvuruga. Abo aturatira ba Pacific na ba Vitali ngo bazururuka indege n’agateka, yibagiye ko abarundi twese tuzi ko amaraso aseseka ategwa n’akaguma badusutsemwo. Ako gateka bahabwa no kugwiza imivyimba muri Bujumbura, no kugurisha igihugu ku Babiligi, twe ntako dushaka. Mbe burya ngo Pacific na Vital bashaka kuzoba abaperezida? Shaka muzane na Sinduhije, mushireko na Cimpaye, nayo Nyangoma we ni Nyangoma nyene. Mwebwe ayo majwi yo gutegeka igihugu mwoyakura hehe vraiment? Erega uko mukomeza kudutera akajagari, niko mutakaza icizere no mu banyabujumbura mwabeshe! Igihugu kizotegekwa n’abo Imana yagiteguriye " Les chiens aboient, la caravane passe". Amaraso y’abantu arahuma, muzotaha mubundabunda canke muher’iyo, nayo amaronko mwashatse, muzoyaronka ariko Gehinomu murareha!

  • karibuni kwa inci yaburundi mungu awabarikiye

  • Seulement Dieux! A La Résolution.

  • Mbe Ko Mutatumenyesha Ibisabwa Nibiki Kugira Bakwandike Mubahiganwa

  • Ewe Nkurunziza n’uko hari ivyo udategera wari gusoma muri izo ngendo zoooose ico zisigura harimwo ingwano y’amadini wewe nyene watanguje mu kwinjiza Uburundi mu ngwano y’amadini. Abo bakuru b’ibihugu bose baje ni aba framacons,ubu harimwo ingwano y’ama loges: convictions philosophiques. Ndavuga simvura.

  • Imana indufashe kuko amarira abantu barimwo iyaduhoze kuko niyo ishoboye vyose kandi vyose bizohera ntamvura igwa ngo ireke guhita

  • Icipfuzo canje nuko abo bakuru b’Ibihugu baje kugenderera Nkurunziza bosiga basavye abarundi bose bahunze gutahuka, kuko ata honyabwoko ry’abatutsi basanze mu Burundi, hanyuma bongere basabe ko ibiganiro vyonyarutswa kuko nta kuguma hategwa grenades mu masoko n’ububari bidahonyozwamwo ikirenge ca Nkurunziza, c’est vraiment archaique comme solution de la crise politique en cours. Il faut que les burundais évoluent avec le temps, kuko ubwicanyi muri politique buhamagara ubundi kandi si bwiza namba mu basangiye Igihugu. Vyiza rero nukwitwara nk’abantu civilisés, tukamenya gusonera uwo tutiyumvira kumwe muri politique twibuka na cane cane ko umunyagihugu yipfuza igihe cose gutwagwa mu mahoro. Tubandanye rero duterera ivyiyumviro vyubaka abarundi n’Uburundi tureke kwisenyerako nk’impene.

  • Nivyiza cane ko amakungu atanguye kwishikira mu burundi nibaze ko bazobwira nabasigaye uko ibintu vyifashe.

  • Nibaze ariko uwomugabo ntakuri kuri muriwe, ivyo aza kubemerera ntanakimwe azoshira mungiro. harahantu nasonye mugitabo kimwe havugango umuhusha tunga ahusha umugore,Nkurunziza peter nawe yabuze itunga nyamahoro,kuko yabuze abamuhanura bamwegereye. muvyo rero abobashitsi biteka batugendeye bazakumubwira biza gusigara harya kwiryantebe yi cayeko, aboyita abahanuzi biwe baca bamwijiramwo bati ntiwemere. namwe muravyibonera ivyo yivugiye arikumwe nirya ntumwa mpuzamakungu ONU,mumwanya mutoya umushitsi ahavuye, ya ciye yitangariza ivyiwe hamwe nabahanuzi biwe ivyo bikuriye muvyiyumviro vyabo, abakera barayamaze ngo ntawabaye nya bwa aba nyanka. baratunga ubuntu burihabwa, uwigizigikutsi ayorumwavu.

  • yemwe jew ndabona,inteko zitaje turahonye.kuko kumus kumusi abajene baguma bapfa.jew ndabona abo bakuru bariko barasesagura itike.

  • Ibi bavyita ibimenyetso vy’ibihe. Abari n’amaso ni babone, abari n’amatwi nabo nibunve.kandi baca umugani ngo uwo uja gusiga uramurorera, kandi ngo uruja kwica imbwa ruyiziba amatwi

  • Ahubwo Imana Ifashe Nyakubahwa Nkurunziza Kugira Ahangane Nuwo Wese Yorota Adusubiza Muntambara Ngo Nuko Abuze Ivyo Yipfuza Turashimiye Abo Bose Bitanga Kugira Uburundi Ntibusubire Mukaga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.