IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibihugu biri muri CIRGL batumiwe mu nama yabo igira (...)

Abakuru b’ibihugu biri muri CIRGL batumiwe mu nama yabo igira gatandatu

mercredi 10 Ruhuhuma 2016, par egide

Abakuru b’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs) bazohurira kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016 mu nama yabo igira iya gatandatu. Mu bizokwigirwa hamwe harimwo umutekano mu bihugu biwukenye n’Uburundi budasigaye inyuma, hamwe n’ingene amasezerano yateweko umukono yokwihutirwa gushirwa mu ngiro.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu izobera i Luanda mu gihugu ca Angola yatumweko ku butumire bwa José Eduardo Dos Santos, umukuru w’ico gihugu, akaba ari nawe arongoye ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs), mu bizokwirwa hakaba harimwo ukurabira hamwe ingene amasezerano yateweko umukono yonyaruka gushirwa mu ngiro, kugira akarere k’ibiyaga binini karonke intwaro rusangi, kandi gatekane.

Imbere y’iyo nama y’abakuru b’ibihugu izotangura kuri uwu wa gatanu, hatanguye amanama y’abashikiranganji b’ukwivuna abansi hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire, bose b’ibihugu bigize iryo shirahamwe. Abashikiranganji b’ukwivuna abansi bakoranye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 10 Ruhuhuma, mu gihe abashikiranganji bw’imigenderanire bazobonana kuri uwu wa kane igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2016.

Muri iyo nama, bazorabira hamwe kandi ibijanye n’uwosubirira umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’akarere k’ibiyaga binini (Conférence internationale sur la région des Grands lacs), uwahora muri ico kibanza akaba aheruka gusozera ikiringo ciwe.

Muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu, Uburundi bwaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yafashe urugendo kuri uwu wa gatatu, yitavye iyo nama y’abakuru b’ibihugu ibaye inyuma y’iyindi nk’iyo yaheruka kuba kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2014 i Luanda nyene, mu gihugu ca Angola.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.