IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bahatswe gusubira kwicwa

Abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bahatswe gusubira kwicwa

mardi 12 Rusama 2015

Abamenyeshamakuru ba Radiyo Bonesha FM bakubaguwe n’umurwi w’abasore muri komine ya Ngagara, bamwe mu bajejwe umutekano baraho, barorera.

Abo bamenyeshamakuru mu gihe bariko biruka kuraba ahari haheje gusha umuduga wo mu bwoko bwa Coaster, baguye mu murwi w’abantu, abo nabo, bakaba baciye babagiriza ko aho bashitse haca haza abagumutsi. Abo bamenyeshamakuru bakaba bakubiswe, ibikoresho vyabo birononwa nako karwi k’abo basore. Bamwe mu bajejwe umutekano babona, ariko ntibigeze banatabara. Abo bamenyesha makuru, bakaba bahauye bayanyaga, barahunga.

Rikaba rigize gatatu kuva imyiyerekano itanguye, abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bakubaguwe na rumwe mu rwaruka rushigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, bivugwa ko ari Imbonerakure. Ubwa mbere, bamwe mu bamenyeshamakuru baguye mu murwi w’Imbonerakure za CNDD FDD muri komine Kanyosha, zirabakubagura, musitanteri w’iyo komine abona, ntiyabatabariza. Bukeye bwaho, uwundi nawe, yaguye mu Mbonerakure zifise imbugita mu Kamenge, nawe nyene atabarwa n’abahita, abahatswe kuri uyu wa 12 Rusama, bakaba batangazwa n’ingene babandanya gukubagurwa, abo batabaye barorera.

Abarongoye amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, bakaba badasiba gusaba ko abamenyeshamakuru bokingirwa muri iki gihe c’imyiyerekano, umurwi wose ukubahiriza abamenyeshamakuru baba bari mu kazi kabo ko kurondera amakuru.


IGIHE

Messages

  • Abo Bamenja Gayemwe,ntasoni Bumva Naho.Mwebwe Muciyumvira Guhohotera Abamenyeshamakuru Ngobikunde Ivyo Mukora Ntibimenyekane Muribijuju Gose,mbe Mwarimuziko Ivyo Bavuga Bidashikira Na 5%yububisha Mukora Ariko Mutekereze Iyo Hejuru Irababona Yo Ngira Ntimuzoyikubagura

  • Iz mbonerakurakure nazo nyene umenga ntizikomey.nn ko buca abarundi bumutima bakabona intsinzi bariko bariko bahabira nazo zizoca zijahe?ah ntizibna ko zihendwa vraiment?

  • Pascal witegure ube urasenga any time soon dagupasura umutwe ndazi aho uba naho ugendera umuryango wawe ndawufise kurutonde

  • Mbega ko ngagara ari abaturiye imiduga na mapikipiki none bahindutse imbonerakure bakubagura ABAMENYESHAMAKURU BA BONESHA FM ?? YEMWEEEE NDUMVA POLITIKE MUYIKINA UKUNTU ! IMBONERAKU ZO NIMUZIREKE NTIRUBE URWITWAZO RWO GUHUNGABANYA IGIHUGU

  • Nivyiza kubahiriza agateka kakiremwa muntu

  • Ubwonibwabutegetsewbigikenyenibarekebakorakazikabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.