IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abamenyeshamakuru babiri b’insamirizi zigenga bari mu mvuto

Abamenyeshamakuru babiri b’insamirizi zigenga bari mu mvuto

samedi 7 Munyonyo 2015, par egide

Blaise Célestin NDIHOKUBWAYO umumenyeshamkuru wa Radio Isanganiro apfungiwe mu gasho ka komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura rural, mu gihe Egide MWEMERO nawe akorera RPA yungurujwe akurwa i Uvira ajanwa gupfungirwa i Kinshassa.

Blaise Célestin NDIHOKUBWAYO yahagaritswe n’abasirikare ku muhingamo wo kuri uwu wa gatandatu, hafi y’akabare n’uburiro bita NONOKA, muri komine Mugongomanga mu ntara ya Bujumbura benshi bita rural. Blaise Célestin NDIHOKUBWAYO n’uwariko aramwunguruza (Chauffeur) ntibaramenyeshwa imvo yatumye bahagarikwa.

JPEG - 3.7 ko
Blaise Célestin NDIHOKUBWAYO, umumenyeshamakuru wa RPA

Egide MWEMERO nawe, umuhinga w’ivyuma wa RPA apfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, yahinduriwe ibohero avanwa i Uvira ajanwa gupfungirwa mu gisagara ca Kinshassa.

Amakuru atangwa na Jean-Julien Miruho, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu w’intara ya Kivu amenyesha ko Égide Mwemero yahinduriwe ibohero mu ntumbero y’ukumwegeza kure y’urubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

JPEG - 44.2 ko
Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma w’insamirizi RPA

Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma w’insamirizi RPA yafatiwe i Uvira ari kumwe na bagenzi we Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana bakorera insamirizi Le Messager du Peuple yo muri ico gihugu. Abo bamenyeshamakuru bafashwe n’uwujejwe igendereza rya gisirikare aho muri Congo.
Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana ba Le Messager du Peuple bahavuye barekurwa, igendereza rya gisirikare risigarana Egide MWEMERO wa RPA.


IGIHE

Messages

  • Komeza mufate inzonjavyi abarundi nibobaguma bababwirango mwabamenyeshamakurumwe ngwizomvugozanyu kozitandukanye nakarangamutima kokumenyesha amakuru ngontimubina komurimwo muratema ishamiryigiti muryicayeko? Ariko murazi agafaranga kumuzungu ukeretse uburundi ninkimbwa nigufa canke inyondwe kurushato. Abarundi ngo intabarirwa yabwiwe nukwamaso atukuye. Abasomwiba bibilia nabo batubwirango nimusome ngomugitabo co Guharura 16 kubandanya ngomurazakubonamwo amajambo yokubafasha.

  • NON KAYEMW KARACIY INGANI UBUBUTEGETS BUDUHEREJ MURUVUTO?NITWIHANGAN NTAMVUR IGWA IDAHITA NIYO KURI NOWA YARAHISE KAND NTITWIGANYIR NGO IMANA YARADUHEVY AHUBW TUHAKUR ICIGW MUHEZAGIGW

  • NH MWOHAHA MWA NJAVYI MWE

  • nibamurekure nyomba ataco bamwagiriza?

  • abobo sha ntaco barafise abababuranira hagowe twebwe batobato dufungwa ntibije kurubuga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.