Accueil > Amakuru > umutekano > Abandi icenda bavuga ko bahora ari abarwanyi bishikanye
Abandi icenda bavuga ko bahora ari abarwanyi bishikanye
mardi 1er Ntwarante 2016, par
Igiporisi c’Uburundi cerekanye abandi bantu icenda b’urwaruka biyemerera bonyene ko bahora ari abarwanyi. Abo bavuga ko bishikanye ku bajejwe umutekano bamenyesha ko bahora barwanira mu kanyosha hamwe no mu misozi yo muri Bujumbura rural.
Abo bantu icenda berekanye kandi ibikoresho vya gisirikare bavuga ko bahora bakoresha, ivyo navyo bikaba bigizwe n’inkoho zitatu zo mu bwoko bwa kalashnikov, amagerenade icenda, ibikoresho bibiri vy’ugutumatumanako amakuru (radios Motorola), ibikono 12 vy’amasasu hamwe n’imyambaro y’igisirikare hamwe n’iy’igiporisi.
Abo bishikanye bemeza ko bahora bategera imiduga, bakongera bagakora ibitero ku bayoboka ubutegetsi. Bemeza kandi ko bari mu bateye amakambi ya gisirikare ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2016
IGIHE
Messages
1er Ntwarante 2016, 15:25, par Frank
Niho nkibona KO abarundi bafise ICO barushije abandi.iyo umurundi yihenze agakora nabi unutimana uramukebura.abobantu sumo badafise inkoho namasasu ariko icon a badafise numutima wokubandanya bakora nabi. Ndasavye abarundi babakire babahe nikigongwe.bigishe gukunda igihugu bashobore gutaha babane nabandi. Ndabakeje nimuze mubanyu.
1er Ntwarante 2016, 15:41, par try dry
Turakeje inzego zumutekano tunashimira nabobishikanye twizereko bazofasha reta kwerekana abandi vyahorabikorana reta noyo nibereke bbc nijwiryamerica ninyakuruvyose kugira ukuri kuje ahabona maze urwanda rumaramare murakenuye
1er Ntwarante 2016, 15:43, par Batwenga
Ok Sawa, Bandanye Mwishikana Cane,erega Barabonye Ko Arukubahenda! Hewe Vyanka Vyakunda 3éme Mandant Ntimukorako,beshi Ndibaza Ko babura Ahobaca Bazoza, Abasara Nimusare Ariko Ntimusarane Ibikoresho Vyumutekano.
1er Ntwarante 2016, 16:13, par ok
rka kudutwenza basha,uwutazi ubwenge ashima ubwiw,ivyo bavyigah?
1er Ntwarante 2016, 16:32, par Falcon
Nanje noneho Peter ndamwemeye. Mugabo ubu ngomba ntangure gusaba imbabazi kuko nahemutse ntuka umukuru wigihugu kuri iyi site.
1er Ntwarante 2016, 17:00, par None?
Arukunezerwa vyovyo turacanezerewe, harya mubona abobana bu Burundi bakomeje kwishikana nabamaze gufatwa ivyobabwiye abajejwe umutekano ibitabo biruzuye abajejwe umutekano wigihugu cacu dukunda kikaduhimbara bazobikorerako kugezigihe muzokwibonera nababanyamahanga bashizwe ahabona muzokwumirwa hariho abazosigara aribimaremare bimwe biboneka .Gusa harihico Imana yateguye gukora ngaha kw’Isi ibanje gushirahejuru uburundi ariko bubanje gucamuvyago bikomeye maze buvyigobotoremwo bizotangaze aboroshe nabahambaye arinaho abantu bazova impande 4 zigize Isi birukira kureba akogahugu kaciye mumitego karikatezwe nibihangange vyomwiy’Isi maze bazogende batamacumu bangera bavugango waribarutse ifuranyazo! Bati nurambe usasagare. Nashaka kubabwirako atagihugu gishobora kuba igihangange kitabanje guhangana nibihangange maze kika vyeneza muri politique nomuri diplomatic .
1er Ntwarante 2016, 18:45, par Eric
Dusabe Ubutegetsi Abobantu Bishikana Bakingigwe Ntibahohotegwe Kandi Bemeye Kuvavanura Nivyo Bikorwa Vyaribigayitse. Nukobumva Baribruhijwe Nibibi Bakora.
1er Ntwarante 2016, 19:03, par Havyarimana
Hhhhhh.
DD isigaye ifise ubwenge
1er Ntwarante 2016, 20:24, par Rosa kamakazi
mbega basha iyo nkina mico izoshika kuki mugabo naho mwitwa ngo muratwara basha mwararushe mumitima ese ingene muguma mumarementanya gusa mbega mwibaza ko abarundi turi ibijuju murahenda abazungu nayo umwirabure ntimumubeshe .
1er Ntwarante 2016, 20:34, par janathan
Leta iratezwa abo bishikanye nimbonerakure nikinamico bereke amakungu y’uko takireberi gihari ni be mere ibiganiro bareke kwagiriza imigabwe y’uko yagadaguye ibonerakure ivyo binogo nivyabo barondeye ibonerakure zivyemere kuko hagiye kuba amatohoza buzamakugu mbega ivyo bakora ku bagandaguye abamasera bagafata umusanzi ngo niwe wa bagandaguye nibahebe iremetanya twebwe abenegihugu turarushe nitwaro ya ba DD
1er Ntwarante 2016, 21:16, par Sylvain
ABABONTU,BISHIKANYE,NIBABWIRE,BAGENZIBO,NABO,BAVAVANURE,NAGATIMAKINTAMBARARA,NABOBAZETWUBAKE,IGIHUGUCACU.
1er Ntwarante 2016, 21:37, par Ndabivuze
N’abasirikare hamwe n’abapolisi bamaze igihe bica abantu turasavye dushimitse nabo nyene bishikane hakiri kare bigishoboka! N’abamaze igihe banyuruza abantu, abandi bakababoreza igufa nabo nyene ntibacererwe kwishikana!!!!!
1er Ntwarante 2016, 22:24, par Esironi
Abategetsi Turabemera Kandi Turabakunda,
Ariko Ntihagire Abo Murenganya
Kuko Imana Yobahana
pière Nkurunzizahongera Sana Nubundi Urotsinda Amen.
1er Ntwarante 2016, 23:17, par Ruduha
Izo n’imbonerakure.None muhendande?
2 Ntwarante 2016, 05:47, par N damiani
Ariko nkumuntu nka Nyangoma nakagwi kiwe ka cnarede, Buyoya, Bagaza, Sinduhije, J.Minani, Domitian. Ubu ahomuri muvug’ iki? Harikindi kintu musigaranye mwotubwira?
2 Ntwarante 2016, 06:06, par N damiani
Ariko nkumuntu nka Nyangoma nakagwi kiwe ka cnarede, Buyoya, Bagaza, Sinduhije, J.Minani, Domitian. Ubu ahomuri muvug’ iki? Harikindi kintu musigaranye mwotubwira?
2 Ntwarante 2016, 06:43, par cuma
yemweyemwe! mwirekere,murabukuntu.ugwogwarukarurikorurisukamutego,batateze?ahovyerekanako,kakagwikagandagurabantukagizubwoba.abobantubavyiyemereyemubacunge.
2 Ntwarante 2016, 06:58, par nkdn
ndashimiye ubwambere abajejwe umutekano bitanze batiziganya mukugarura umutekano nkongera gushimira urworwaruka rwemeye kugaruka muruhongore dusabe abo bigaruye ko mwo bbakira mukabigisha gukunda igihugu nabasigaye nibaze bazobarirwa bareke sinduhije azoze kururwana wenyine areke guhenda urwaruka iki gihugu musambura nicanyu nimuze twijukire ibikorwa
2 Ntwarante 2016, 06:59, par Cuma
twatohojenakagwikimbonerakurekiyemejeguseruka,kumiriyonizidakwiyenazitanukugiragafasheretakuvamumutegowamakungu,arikobaravyenabibokwicwakugira,imitego,imwimwebamazekugwamwobazebarayitegura.hagiyekubonekanabandi
2 Ntwarante 2016, 08:49, par ernest
Iryo nirementanya twarabahinyuye murahenda abandi mubonye kwamakungu agiye kubabeshuza kurivyobinyoma vyanyu none mutanguye kwegeranya zambonerakure muzita abarwanyi nimuteshwe mute
2 Ntwarante 2016, 10:01, par ELIE
IVYO N’UKURI?
2 Ntwarante 2016, 11:34, par Kegis
Kaze mu ruhongore
2 Ntwarante 2016, 17:22, par Apollinaire
Nukubica Baragapfa
3 Ntwarante 2016, 14:53, par Bakame
Bazohera nkifu y’imijira!
5 Ntwarante 2016, 16:43, par Ndayisenga evariste
Ntakuri kurimwo iryo nirempenanya ryubutegetsi bwi bujumbura kandi abo nizambonera kure za cndd fdd.nibagezaho rero kuduhuma amaso
5 Ntwarante 2016, 20:25, par steve manariyo
barabony ko inzira bafash idashika nibagaruke mugihugu tugitenze imbere
5 Ntwarante 2016, 20:29, par manariyo
izira yibirwanirho ntizoshika pe, nigaruke naho baje basibanganij nibitari bike
7 Ntwarante 2016, 14:08, par nduwimana cyriaque
Reka abasenga bashits isezerano twes twosaba imana tuvuga. tuti duhe amahoro ntakizobuza izoyaduha kuko abo baj nimana ha ikoze