IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu biyemerera ko bahora mu myimenyerezo ya gisirikare mu Rwanda (...)

Abantu biyemerera ko bahora mu myimenyerezo ya gisirikare mu Rwanda bafashwe

vendredi 3 Ruheshi 2016, par egide

Igiporisi c’Uburundi cerekanye Abarundi babiri biyemerera ko bahora mu myimenyerezo ya gisirikare mu gihugu c’Urwanda. Abo bari mu minwe y’igiporisi bavuga ko iyo myiteguro bahoramwo yari iyo kuzotera Uburundi.

Abo barundi berekanwe kuri uwu wa kane n’igiporisi ni babiri, bompi bakaba biyemerera ko bahora mu myimenyerezo ya gisirikare mu kibira ya Nyungwe mu gihugu c’Urwanda. Ukwo ari babiri bafashwe n’igiporisi ku munsi wa mbere ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, ku ruhande rwo mu Kayanza, bakaba bari bafise ivyangmbwa vya magendu bavuga ko baherewe mu Rwanda n’ababatwara, ariko bakavuga ko batorotse, kuko batabona iyo ivyo barimwo vyaja, bakaba bavuga ko batari bwanabwirwe umunsi w’ukuzotera hamwe n’izina ry’umuhari urwana begukira. N’aho biri uko, mu mazina y’abakuru babo bavuga ko bahora bumva bavugwa, harimwo Alexis SINDUHIJE hamwe na Godefroid NIYOMBARE.

Abo barundi bavuga ko aho bari muri iyo myimenyerezo bagera ku 327, bakaba bari mu myiteguro y’ukuzotera Uburundi, bakemeza ko batanguye gukora imyimenyerezo ya gisirikare kuva mu kwezi kwa Gitugutu 2015. Muri iyo myimenyerezo ikorwa ku mugaragaro mu kibira ca Nyungwe mu Rwanda nk’uko bavyemeza, bayikora bacunzwe n’Abasirikare b’Urwanda bambaye impuzu zisanzwe (Tenue civile), ariko bafise inkoho.

Moise NKURUNZIZA icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ico ari ikindi kimenyetso cerekana ko igihugu c’Urwanda kiriko gikresha imyimenyerezo ya gisirikare ku mirwi yiteguriye gutera Uburundi.


IGIHE

Messages

  • mwamburakimazi zabarundi mutuvuke vyababuriye iwanyu sinumva ico muturonderako bandanya muca imitwe abo mwokingiye natwe mutuveko mwamburakimazi ataco mumaze atari ukwiba ukwica no gutoteza, uurwanda rwacu rwarabasize muzokwama m,utwiruka inyuma muza kutubagira impene nintama.

  • ahumbwo batevye, nibaze batere hama tubabagire ibisiga tubatoragure nkakuryinkoko itoragura intete zibigori, ubu akarere karapanzeneza ntahomuzomenera ukwo kwobarukwiyahura.

  • hewe niko james, urabwira ayo magufa Kagame ko ibiri mbere nivyo bihinda kandi nawe ivyiwe si kera kuko bamwe bavanye hamwe mu Buganda baramurindiye kandi bazomwereka paka bamugize ikiziga, urunva ko ibimurindiriye bitoroshe.

  • ahubwo Ni baze nukuri turabarindiriy

  • ahubwo Ni baze nukuri turabarindiriy

  • KAGAME n´uwisema mu kirundi bavuga ngo ruriye abandi ntirumwibagiye. Ivyo arivyo vyose ntazosiga ba Kayumba kandi iherezo ryiwe rirahari mugabo ashobora gutora ubuzima hagutora urupfu.

  • Iryo nirementanya ryamye rigirwa na nkurunziza nakarwi kiwe kuko ntayindi ntego bafise atari ugufata ibibazo v y uburundi bateje bonyene bakabihindura ivy urwanda ntanumwe ataziko izo ari imbonerakure mwirirwa mutamika ivyozivuga u girango abantu mwirirwa mugandagura nurwanda rubagandagura mwarahinyutse

  • NIBABAMESE IZONTUMVA IGIHUGU CARATUVUNYE BACAKIRE ARIKO NTIMUBICE MUBABIKE

  • Yoo njye TARI ubu sinkiri umuhirimbiri. Ibyo kurwanya Nkurunziza ndabihebye.

  • Mbe urwanda abarutwara bigira abanyagbenge rindira rero biforomere abazobiba kuko abo ntagahegwe muburudi kuva murwanda uja mumugamba sicoroshe twegbe imyimenyerezo twarayirangije turabiteze

  • YA YA YA MBEGA IBINTU TWARABABWIY KANDI TURABISUBIYEMWO AKAZOSERURA UMUTWE DUCA DUFATA NA KAGAME ARAGABA TWE TURI TAYARI NTABODUSHOBORA ABO NIBATO

  • Jewe mbona mupfa ubusa ubuhanuzi Peter yabuteye akagere Gakwaya yavuze ko UBURUNDI buzogwaniramwo imihari myinshi yishamba reka bishike kuko ntiyoba ariyo yavuze Imana. Kandi mbega mbaze ko Aba dd bakoze imyimenyerezo Tanzania kera bakiri mu buhungiro haruwavuze? Reka kubeshera Urwanda rurikwiye nuko rwakiriye abo mwagira mucishe kubuhomba hazoba isilayeri yakabiri atakintu citwa ingwano reka Imana ikore ntiyivuguruza

  • Mbega.Reta.Yiteguyegute?Kuzobarwanya.Urwanda.Jewembona.Amakunguyobafatira.Ibihano

  • Ububutumwa Ndaburungikiye Por Kagame Ati Imigambi mibi Ufise Kuburundi Ariko Batu Burwanda Mwibuke Yuko Twese Twaremwe Ni Imana Iduye Mumazi Turi Utubambano Turi Utujo Imana Yoshaka Yonyaka Uyumubiri Nawe Nukwo Hakwiyuvira Kugirira Nabi kiremwanka We Igihugu ,imana Itabare Uburundi Imana Twayishize imbere Imana Bazoba Nkigaboza Frarawo Zahoneye Munyanza Imana Itabare

  • Abarundi nimwicare mukemure ibibazo byanyu mureke kubihirira ku Rwanda ese ko muvuga ko imyimenyerezo ikorwa ikorerwahe ko tuta babona .

  • Abarundi nimwicare mukemure ibibazo byanyu mureke kubihirira ku Rwanda ese ko muvuga ko imyimenyerezo ikorwa ikorerwahe ko tuta babona .

  • Ivyo ntakuri nakumwe kurimwo nirempenta,ntakiroberi cabantu 327 kibaho kandi giforomwa umwaka ,ikindi ntakiroberi kitirirwa abantu babiri.Nkurunziza n’igipolisi ciwe birirwa bararasa abanyeshure abanyeshure aribo Burundi bwejo ukwo ni uguta ibitabapfu.urwanda nibarureke rwo ruri mwiterambere ryarwo.iyaba rubirimwo muba mwarataye mukomoka.

  • kuki ubutegets bwankurunziza bitwaza urwanda ?erega intandaro nimanda.erega nahovyobavyo nukurwanya uwomugabo yigize ikimana mukwanka gusabikanya igihugu imana yaduhaye.jewe icombona nuko yoyaga nabo batavugarumwe areke kwitwaza urwanda.

  • kuki ubutegets bwankurunziza bitwaza urwanda ?erega intandaro nimanda.erega nahovyobavyo nukurwanya uwomugabo yigize ikimana mukwanka gusabikanya igihugu imana yaduhaye.jewe icombona nuko yoyaga nabo batavugarumwe areke kwitwaza urwanda.

  • kuki ubutegets bwankurunziza bitwaza urwanda ?erega intandaro nimanda.erega nahovyobavyo nukurwanya uwomugabo yigize ikimana mukwanka gusabikanya igihugu imana yaduhaye.jewe icombona nuko yoyaga nabo batavugarumwe areke kwitwaza urwanda.

  • Ndabwira Nkurunziza, Utazisheta Ku rwanda Najye Ndimubakugandagura.Gasopo.Kura Kagame Mukanwa Kawe

  • ndazi ko kagame mumuryango wanje ko tutomuhaga sasita narekd kwiteranya sivyo?

  • Bizimana na fifi acheni uongo kwa hiyo umoja wa mataifa wamesema uongo? Acheni kuharibu nchi za wenzenu mkifikiri mko salama! Acheni msije kuharibu uchumi wenu kwa mambo ya kijinga!

  • Bizimana na fifi acheni uongo kwa hiyo umoja wa mataifa wamesema uongo? Acheni kuharibu nchi za wenzenu mkifikiri mko salama! Acheni msije kuharibu uchumi wenu kwa mambo ya kijinga!

  • Iryo nirementanya ryenyuje! Comment abobiyita abarwanyi, bomara umwaka urenga bataramenye uko umuhari barimwo witwa,n’abawutwara?Formation y’umwaka wose?NabaCodo!Ivyo novyita Ukuburanirwa,Impfane,...Nkurunziza n’igipolisi ciw catayumurongo,N’ukuri nibikubite agashi bareke gutoteza abobaribajejwe gukingira.Birateyisoni kubona birara mubanyeshure,data amashule akugarwa,abafugwa ,abaraswa,eka amabi akorwa nimenshi,Barihayibara.Urwanda atarineza rushakira Igihugu c’Uburundi nibareke kurusotora.Ahubwo ivyombona Nkurunziza nabobashizehamwe,bafisumugambi wogutera Urwanda!

  • nabandi bazizana canke tubasangeyo tuba fyonde izo mujeri

  • Ariko ntibarabonako ingabo z’uburundi ziryamiye amajanja? niboye guta umwanya sinon bazohera nkifu yimijira.

  • ahubwo bari abo kunyonga kuko nibo bako batuma igihug cacu kimera nabi ahubwo abarundi twese dufatan munda tugwany iyo mishenzo

  • mwabijujumwerekakurwanyapitantimuzomushobora

  • Benewacu Jew Ngomba Ndabavunire Akagohe Intambara Muburundi Ntigikunda Agataruts Abanyagihugu Ntibakwigwa Nabajejw Umutekano Nibarinda Kubegera Urambiwe Nisi Ubu Yinjira Ikiroberi Ndavuga Simvuraaa!!Ugomba Yigerezekooo!!

  • ubwo nububeshi bwabo bamenja,nizambonera kure zanyu murungika kumipaka ngo nabimenyereza mumashamba yo murwanda, ntitusazwe tubizi komwirirwa muramenyereza ivyagisirikare imbonerakure mugihugu cose ?twarabahinyuye.

  • Niyonzima naFifi mwebwe nurabanya Rwanda matwihishijemwo ahubwo nimusubire iwanyu hakirikare mutarabonibara twe nakazovyurura umutwe tuzomena bamujeri nukubatuza kugira twiyubakire uburundi bwacu bwiza.

  • Ahubwo Nibaze Kuko Nkurunziza Yanse Kurekura Kuneza Azorekura Vyamukomereye! Basokuru Barayamaze Bati<< Inyanja Kubwigwa Ibwigwa Nukwamaro Atukuye!>>

  • Ewe misaya shaa namenyareha namabati!imbaga nkivubi!nukugukekamwokubiri warashaje ahubwo simbonicabavuts94,95 barindie?tweturavungura paul ntaburofa ah si zaire.zulu sordiers we!

  • Ni baza ko kagame yoheba imigambi ye igayitse ataribonerako. Guko tubishatse ubu nyene yorara aganiriye nabo FDLR yiba abagénocidaire naho kikwete yabimuhanuye agaca ashinga amatwi. Ataretse gushotora uburundi Tuzomuteza ibibazo atazitura gushika naho ata igihugu kigasubira mu minwe ya bene co. SE NKURUNZIZA si KAREGEYA ya na KAYUMBA, we ni MUKORE UMBONE. Umuhutu w’i burundi ntaho bihuriye n’abahutu b’urwanda mu fata uko mugomba babapfukamira bakaba abaja banyu. GUcuruza Génocide kuko kagame yabikoze en sacrifiant les tutsi du rwanda ntiyibaze ko yobikora aha iwacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.