IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu indwi birukanwe mu Rwanda bapfungiwe mu gasho ka komine (...)

Abantu indwi birukanwe mu Rwanda bapfungiwe mu gasho ka komine Ngozi

jeudi 2 Ruheshi 2016, par egide

Abarundi indwi baheruka kwirukanwa mu gihugu c’Urwanda bapfungiwe mu gasho ka komine Ngozi. Imiryango yabo isaba ko abo banyagihugu borekurwa.

Abo banyagihugu indwi basanzwe bavuka muri komine ya Bugabira, intara ya Kirundo, bakaba bakwije iminsi itanu mu munyororo. Bafashwe bagishika mu ntara ya Ngozi, bakaba bataramenyeshwa ico bafatiwe.

Imiryango y’abo bari mu munyororo isaba ko abo bantu borekurwa, bakaba bari bamaze imyaka myinshi baba mu Rwanda.

Intara ya Ngozi imaze kwakira abanyagihugu bagera ku 1500 birukanwe bava mu Rwanda.


IGIHE

Messages

  • Nakamaramaza kubona umuntu ataha mugihugu ciwe ukoyoba atashe kwose hama agashira gupfungwa atacazira hari uwiyise umushikiranji wohagati mugihugu yaciye asimbira kwisunzuzu ryinzu ngu rwanda rubabaniye nabi ngirango ahobukera arahava atubwirako arurwanda rwababwiye ngo mubapfunge niba kuba urwanda rwarirukanye abarundi babayo batagira ivyangombwa
    arivyovyaciye bituma izombubusi zitangura kuvugako urwanda rubaniye nabi uburundi abobarundi mubuzwa niki kubakira ngo mubabungabunge kwarabanyu mugabo urumvako mushikira kubica nukubapfunga none mwumva uwubica kandi akanabapfunga nuwubirukana umubi ninde

  • Nibura u Rwanda ntirubica canke ngo rubapfunge, rubarungika gusha ivyangombwa. None raba abobakiriye bakabafasha niba ahubwo bariko baratoteza, erega barundi ntaho tuzoshirana kubona u Burundi bunanirwa ni=o gufata neza abenegihugu!! Bategetsi b’Uburundi mwisubireko kuko aho muri hari abandi!

  • nibabahan bishemey iy mihimbir ya kigomba

  • ndamushimiyecane aragahorana umutimawurukundo.nabandi bazohinduke bamerenkawe.

  • Abantu indwi mubantu 1500 birukanywe mu Rwanda abo indwi barapfunzwe, rekambaze kuberiki batapfunze abobantu bose 1500 bavuye nurwanda?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.