IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu bahamagarirwa gusubiza ibirwanisho ku bushake bwabo

Abanyagihugu bahamagarirwa gusubiza ibirwanisho ku bushake bwabo

lundi 11 Munyonyo 2013

Ibirwanisho bitobito nivyo bikoreshwa mu bukozi bw’ikibi butandukanye mu gihugu hagati, eka no mu bisagara. Leta y’Uburundi ifashanije n’amashirahamwe mpuzamakungu, ikaba imaze gukura mu banyagihugu ibirwanisho bitari bike, kuva mu mwaka w’2009. Ivyo bikaba mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro mu Burundi.

Mw’ijambo ryo kwugurura ibikorwa vy’uruganda ruriko ruraba mu ntumbero yo guhamagarira abanyagihugu bo mu Burundi bwose gutanga ibirwanisho batunze batabifitiye uburenganzira ku bushake bwabo, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko uyu mugambi ugira kabiri wo gukura ibirwanisho mu banyagihugu, wateguwe ku civugo kigira giti:"Ibirwanisho bitosekaza iterambere ry’abanyagihugu".

Umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko uyo mugambi wo kwegeranya ibirwanisho bitunzwe n’abanyagihugu ataburenganzira babifitiye, bobitanga ku bushake bwabo, ivyo bikaba vyofasha mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu cose. Muri urwo ruganda rero, yaba umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu canke umupfasoni aserukira ishirahamwe PNUD mu Burundi, bose bakaba bashima intambwe Uburundi bugeze ko mu gukura ibirwanisho mu gihugu, no mu gutsimbataza amahoro n’umutekano. Bakaba babandanya bavuga ko ibirwanisho biri mu banyagihugu bituma ubusuma n’ubwicanyi birwira, ari naco gituma ababitunze bose batabifitiye uruhusha bovyikura, mu ntumbero yo gufashanya n’abandi kwubaka igihugu mu gutsimbataza amahoro.

Tukaba twobamenyesha ko urwo ruganda rwari rwitabwe n’abanyacubahiro batari bake, harimwo abategetsi mu bushikiranganji bw’umutekano w’abanyagihugu, abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abarongoye amashengero, bamwe muri ba buramatari, abasitanteri, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.